Mr Joel

Mr Joel TWIPIMISHE TWIVUZE DUKORESHEJE UBUVUZI KAMA, For more Video Follow my YouTube channel

19/02/2024
Twivuze Imitikama
23/11/2023

Twivuze Imitikama

14/08/2023
✍️𝐀𝐊𝐀𝐌𝐀𝐑𝐎 𝐊𝐀 𝐓𝐀𝐍𝐆𝐀𝐖𝐈𝐙𝐈 (Gingembre). Abagore muja mubutinyanka bubabaza cane umuti nuyu👉IMIGANI 16:4>•Kuva kera, tangawiz...
21/05/2023

✍️𝐀𝐊𝐀𝐌𝐀𝐑𝐎 𝐊𝐀 𝐓𝐀𝐍𝐆𝐀𝐖𝐈𝐙𝐈 (Gingembre).

Abagore muja mubutinyanka bubabaza cane umuti nuyu

👉IMIGANI 16:4

>

•Kuva kera, tangawizi yamye ikoreshwa mu migabane ine igize isi (Nord- Sud- Est- Ouest) bashaka kwivura indwara zimwe zimwe. Ikoreshwa uburyo bwinshi: ifu, mbisi canke itetse mu mazi.

•1. 𝐀𝐦𝐚𝐦𝐮𝐤𝐨 𝐧'𝐚𝐤𝐚𝐦𝐚𝐫𝐨 𝐤𝐚𝐲𝐨👇

✋Tangawizi, amamuko yayo ni mu bihugu vya Aziya yo mu bumanuko. Ni antioxydant Ifise akamaro ko gukingira umubiri wacu ibivunjivunji vy'ivyuma ari na vyo twita: radicaux libres ivyo na vyo biba vyaraguye ingese, tukabihema mu mpwemu, tukabifungura mu mfungurwa zimwe zimwe, kandi tukabinywa mu binyobwa bihinguwe mu buryo bwa kizungu eka no mu miti ihinguwe.

🔯 Ivyo rero ni vyo bikwegera umubiri indwara z'umutima (maladies cardio-vasculaires); amakansere n'izindi ndwara zijanye n'ubusaza (maladies liées à la vieillesse), n'izindi tutavuze hano....

🔯 Ubushobozi bwayo bwo kugira akamaro tuburonka cane igihe tuyitetse mu mazi tukayinywa

🌿 *AK**ARO k'IKIZIRANKUGWE* (kalanchoe)🍀Ndabaramukije mwese amahoro y Imana rurema abane namwe mwese🤗 nk uko bisanzwe, u...
21/05/2023

🌿 *AK**ARO k'IKIZIRANKUGWE* (kalanchoe)🍀

Ndabaramukije mwese amahoro y Imana rurema abane namwe mwese🤗 nk uko bisanzwe, uyu ni wamwanya wo kwiga no kwaguriranira ubumenyi muvyo kumenya ingene twubaka tukanibungabungira amagara yacu.
❤ubwambere, ukibona ubu butumwa usabwe kubusangiza abandi gutyo ukab ukoze igikorwa c urukundo

👇Nk'uko mubibona iki n'ico twita "ikizirankugwe".

🌴👉 iki giterwa bamwe mu baba mu bisagara bazi ko ar'ishugwe kuko uzokunda gusanga babiteye hamwe n'amashugwe mu bikopo.

🌿⛑️ariko kubaba ruguru mu mitumba bo ntibagitera nk'ishugwe ahubwo bagitera nko mukwitunganiriza pharmacie kāma.

🌿👉 Birashoboka ko nawe wagiteye wibaza ko ar'ishugwe gusa ariko ukwiye kumenya n'ibi.

🌿👉ikizirankugwe kiravura ingwara yo gucibwamwo.
Har'igihe umuntu acibwamwo bimwe vyo kurugero rudasanzwe kuburyo asohora n'amaraso iki kizirankugwe Ni docteur ku mugwayi nk'uwo

🎙☘️ikizirankugwe kivura gucibwamwo bikbije. Muri cagihe ufatwa n ako munda kuburyo usigara usohora ibintu bimeze nk amazi mazi canke ugasanga harimwo n amaraso ihute urondera ikizirankugwe kikuvure vyihuse

☘️👉ikizirankugwe kirabivura inkorora n cagihe ugwara inkorora ikakuboha n'ijwi rikagenda uca wifashisha ikizirankugwe.

🌿👉iki kizirankugwe kiravura n'impene ingwara y'akūto aborozi muca muyimenya.

🌿👉Hari n'aho urya ntugubwe neza inda ikuzura ukaguma usohora n'ivyuka bibi epho na ruguru iki kizirankugwe kikubera umuvūzi mwiza.

🕳️🥼Ni gute utegūra uwo muti.

🔆Ufata amababi yaco atatu, ukayashira ku muriro nk'uwotsa inyama, harya kibaye nk'umutoto bashize mu muriro uca ukivuguta amazi ugakanyira mucombo wategūye
⚠️Kandi nta mazi ushiramwo amazi akivamwo co nyene Kandi iyo wacokeje neza kivamwo amazi menshi ugaheza ukaca unywa🎤mu mwanya muto wumva za ngorane twa vuga zitanguye kugusezera.

Iki kizira nkugwe kirakoreshwa mu kuvūra ugutwi kugwaye.

ABANTU MURWAYE DIABETE, UMUVUDUKO WAMARASO NGUYU UMUTI👇✍️🥼ISHONGO (indugu) Turkey Berries 📋🖍️Ishongo kera banyokuru na b...
20/05/2023

ABANTU MURWAYE DIABETE, UMUVUDUKO WAMARASO
NGUYU UMUTI👇

✍️🥼ISHONGO (indugu) Turkey Berries

📋🖍️Ishongo kera banyokuru na basokuru bazikoza umutsima ni bijumbimbu rero bikabaviramwo kwikingiracanke kuvura ingwara zimwe mumibiri yabo.

🍀Ishongo zikunzwe gukoreshwa cane nabantu barwaye diabetes ariko rero nagira
Ndababwire ko nawe udukurikira ko wotangura kuza urazifungura kuko ari umuti utosanga muma pharmacy.


🖍️Ishongo zizwi rero nkindugu kubera ukuntu zirura. Abantu benshi barazanka bivanye nukuntu zirura . Gusa umuti ni uworura.

📋⛑️ NGAKA RERO AK**ARO KISHONGO.


👉1.ZIFASHA ABARWAYI BA DIABETES

ishongo rero zirimwo imisemburo nka rutin, caffeic acid, catechins, na gallic acid, iyo rero nimisemburo ikomeye cane ifasha kugabanya isukuri mumubiri murugero rushimishije.

👉2.KUBANTU BAFISE UMUVUDUKO WAMARASO.

Ibice 50% vyabantu bafise umuvuduko wamaraso arivyo bibaviramwo uburwayi nka stroke na cardiovascular diseases.

💎🍀Ibinyabutabire dusanga mu shongo birafasha kugabanya umuvuduko wamaraso kubice 70% . Kuko mundingu harimwo imisemburo nka ferulic acid, na gallic acid, izwi nka antioxidants na anti-inflammatory ikomeye cane.

👉3.ISHONGO ZIRAFASHA ABANTU BARWAYE INFECTION

Ishongo zirafasha mukurinda amabagiteri atera infection mukiyima mugukura mumubiri wymuntu, bigatuma ata infection umuntu agwara mumubiri. Rero ishongo zirica amabagiteri nka Staphylococcus aureus, Bacillus subtilis, and Escherichia coli.

👉🍀4.ZIRAFASHA KUBANTU BAKUNZE GUSHUHA.

Umutobe ukuzwe mu shongo urafasha kunantu bakuze kwumva bafise ubushuhe burenze cane cane mugihe cici canke mugihe barwaye .

👉5.ZITUMA UMUBIRI UGIRA UBUDAHANGAGWA

ishongo nkuko zifise imisemburo igwanya mikorobe , ico rero gituma umubiri ushobora kwigwanako iyo utewe na ma giteri kanaka.
Ishongo rero ninziza kundwara zitandukanye zitegwa nama hagiteri canke ama virus.
Imisemburo igwanya mikorobe dusanga mushongo iratuma ibikomere bikira vyihuse vyaba ivyo munda canke ivyo kurukoba.

👉🍀

🌿🥼Akamaro K'igisuru (ortie glande)Muburundi abantu benshi bamenyereye igiterwa cigisuru nkakimwe mubintu bahanisha abana...
06/05/2023

🌿🥼Akamaro K'igisuru (ortie glande)

Muburundi abantu benshi bamenyereye igiterwa cigisuru nkakimwe mubintu bahanisha abana bagavye kuko carababa cane bigatuma nyene gukora ikosa yikosora

Ariko uyumusi tubafitiye inkuru nziza kurico giterwa aho tubona ko ari igiterwa kimwe muri vyinshi Imana yaduhaye gifitiye akamaro kanini mumubiri wacu mukutuvura kuko gitunze ibintu vyinshi bitandukanye aha twovuga:

*IBIGIZE IGISURU*

Mubisanzwe igisuru nigiterwa mfasha mubiri canke novuga ntunganya mubiri kuko gifise ivyiza vyinshi cane tutodondagura duheze aha twovuga nka:

🔹Amazi(Eau):76,9 à 80g/100g

🔹fibre 2 à 5,3g/100g

🔹cendre 4 à 5,6g

🔹inkomezi (colorie) 57 à 82 kcal/100

🔹lipide 0,7 à 1,6 g

🔹glucide 7,1 à12,7 g

🔹calcium 60mg à 3,24 g

🔹phosphore 10 à 573 mg

🔹fer 7,8 à 13,4mg

🔹sodium 1 à16 mg
🔹potassium 400 à2,044 g
🔹magnésium 7 à399 mg
🔹zinc 0,9 à 1,87 g
🔹cuivre +- 3,05
🔹Sélénium +- 2,7
🔹protide 4,6 à 8 g

Igisuru ni igiterwa ciyubashe kuko gisanzwe gifise nama vitamine menshi aha twovuga
🔸Vit A (caroténoïdes)
🔸Vit B1 (thiamine)
🔸Vit B2( riboflavine)
🔸Vit B3
🔸Vit B6(pyridoxine)
🔸Vit B9
🔸Vit C
🔸Vit E
♦️anti- oxydant (irarinda umubiri)
-♦️kwakaka(anti - inflammatoire)

*AK**ARO K, IGISURU MUMUBIRI WACU MUKUVURA CANKE GUKINGA*

Hamwe twovuga ivyiza vyaco twovuga ntitwobiheza ariko reka tubivuge muncamake aha twovuga

⚫ Igisuru kirakinga igwara ya cancer bivanye na sélénium kirimwo nyinshi aha twovuga ko uwukinwa bidahura nico kibazo

⚫Igisuru kirafasha kukibazo c'abantu bisobako bakuze

⚫Umuntu afata igisuru ntagira ikibazo cimitsi (muscle) ,kubabara mungingo ndetse no mumagufa kuko gisanzwe ari anti-inflammatoire kandi kigwiriyemwo vitamine K na D nivyinyunyu nka calcium na magnésium hamwe na fer
Mugihe wihereza igisuru ntushobora kugwara indwara nka goutte ,rhumatisme, arthrose,névralgie sciatique icogeyeho naho woba wamaze ku*igwara hamwe ugifashe nkigaburo yawe kiragukiza izo gwara kuko igisuru kiragabanura cane ibinure (graisse) ,acide urique,isukari mbi nibindi

⚫Iyo ufata igisuru kubantu ubutinyanka (règle ) bwabo butari kugihe biraja kumurongo aho twovuga
▪️abo ama règle yahagaze Arasubira kumurongo(retour des règles)
▪️irashira ama règle kugihe
▪️irakinga kutababara cane uri mubutinyanka
▪️irafasha kubantu bamara igihe kinini bari mubutinyanka
▪️irafasha abantu bava amaraso menshi bari mubutinyanka

⚫igisuru kirafasha abakenyezi bafise ikibazo co kuma mugihe c'amabanga mpuza bitsina

⚫Aha twovuga ko igisuru gifasha kubantu bafise ingorane zumutima ,kubura amaraso kuko igisuru gisanzwe bigwiriyemwo vitamine A na C hamwe na fer vyinshi

⚫Igisuru kirafasha abantu basanzwe bafise ibibazo vya mapfyigo kuko iyo ugifata utigera ugira ingorane zo kugira udusenyi two mumapfyigo (calcul rénaux) kuko bigwiriyemwo calcium nyinshi

⚫igisuru kiravura abantu bafise ibibazo vyo kuvunguka umushatsi (chute de cheveux)n'inzara zidakomeye

⚫Igisuru kirafasha kubantu bafise umuvyibuho wumurengera

⚫igisuru kirafasha kubakenyezi bafise ikibazo co kubura amaberebere

⚫igisuru kirafasha kubantu bafise ibibazo vyo kwama buzuye inda

⚫igisuru kirafasha muguha inkomezi globule rouge

⚫igisuru kirafasha kubantu bagwaye umutima hamwe na diabète

Nivyinshi gikora ku bu*ima bwacu, umuntu wese akunda amagara yiwe yobaho acihereza.

Hariho ibindi u*i ku gisuru?
Bishire muri comentaire 👏

Address

BUJUMBURA

257

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Mr Joel posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Practice

Send a message to Mr Joel:

  • Want your practice to be the top-listed Clinic?

Share

Share on Facebook Share on Twitter Share on LinkedIn
Share on Pinterest Share on Reddit Share via Email
Share on WhatsApp Share on Instagram Share on Telegram