Kingira Amagara yo Mu mutwe

Kingira Amagara yo Mu mutwe Ukwitaho amagara yo mu mutwe ukwiye kuba umwitwarariko wa mbere kuri twese

🎯 Uryama amasaha ari munsi ya 6 ku musi? Raba neza amagara yawe! 😴📌 Abashakashatsi (Medic et al., 2017) barerekanye ko k...
15/07/2025

🎯 Uryama amasaha ari munsi ya 6 ku musi? Raba neza amagara yawe! 😴

📌 Abashakashatsi (Medic et al., 2017) barerekanye ko kubura itiro ry’igihe kinini canke itiro ryama rihungabanye bishobora kugira ingaruka mbi ku mubiri n'ivyiyumviro .

Raba ivyo batoye mu bushakashatsi bakoze ku ngaruka :

🧠 Ingaruka zishika ubwo nyene:🥱🥱

Kuruha mu mutwe , umwitwarariko mwinshi

Indwara z’umubiri, ishavu ridahera vyoroshe

Kugabanuka kw’ubushobozi bwo kwiyumvira no kwibuka

❤️ Ingaruka ziba haciye igihe kirekire:

Umuvuduko w’amaraso, indwara z’umutima

Kurwara diyabete yo mu bwoko bwa 2

Ivyago vy’ugufatwa n’indwara ziterwa n'imigera (infections) canke kanser

💀 Gupfa hakiri kare, cane cane ku bagabo

💡 Kuryama neza ni kirumara kandi kenewe cane ku magara yawe yose.

🌙 Impanuro y’uno musi :

➡️ Gabanya gukoresha telefone n’ivyuma vy’amaradiyo (écrans) iminota 30 imbere yo kuryama. Soma igitabu, umviriza umu*iki utuje canke usenge.

🔁 Sangiza aya majambo n’abandi. Ushobora gukiza ubu*ima… 😌✨

📚 I sôko : Medic et al. (2017), Nature and Science of Sleep.

  : Ubu*ima bwa kiremwamuntu bufise agaciro kadasanzwe ni co gituma atamuntu akwiriye gukumirwa canke ngo atotezwe azira...
17/10/2024

: Ubu*ima bwa kiremwamuntu bufise agaciro kadasanzwe ni co gituma atamuntu akwiriye gukumirwa canke ngo atotezwe azira ko agendana uburwayi bwo mu mutwe.

Turipfuza imiryango, ikibano, igihugu mbere n'isi izira gukumira no kwirengagiza abagendana uburwayi bwo mu mutwe.

🕕 Iki ni co gihe dukwiye gufata akanya tugashigikira abagendana uburwayi bwo mu mutwe maze tugahagarika ingendo yo kubakumira, kubirengagiza ndetse no kubaharira ivomo.

🔴 Twiyemeje gushigikira amagara yo mu mutwe biciye mu gutanga inyigisho ku buntu biciye kurubuga:👉

Sangiza na benshi iyi page maze dushigikire amagara yo mu mutwe.

 .Mukubaho kwacu, ibidushikira bikadukomeretsa biva kuri vyinshi.Nimba wiyiziko canke hari uwo u*i afise ibi bimenyetso,...
04/10/2024

.
Mukubaho kwacu, ibidushikira bikadukomeretsa biva kuri vyinshi.
Nimba wiyiziko canke hari uwo u*i afise ibi bimenyetso, mutabarize kubahinga b'amagara yo mu mutwe nakare "Vyose ni mu mutwe"

Murakoze.

 Mu ntumbero yo guteza imbere amagara yo mu mutwe, uru rubuga rwagenewe gutanga inyigisho ku buntu mu kirundi zijanye no...
03/10/2024



Mu ntumbero yo guteza imbere amagara yo mu mutwe, uru rubuga rwagenewe gutanga inyigisho ku buntu mu kirundi zijanye no kwitaho no gukingira amagara yo mu mutwe.

⭕ Uwuzokurikiranna neza inyigisho zica kuri uru rubuga azokwunguka kabiri :
1. Azotahura vyinshi ku bijanye n'amagara yo mu mutwe.

2. Uwuzokwishura ikibazo cabajijwe mu ndwi yanyuma irangiza Ukwezi azohabwa 10.000f ku numéro ya Lumicash canke Ecocash yiwe.

Sangiza na benshi iyi page maze twigire hamwe nakare "vyose ni mu mutwe"

Ivyo benshi tudatahura!✅Mbega ntagihe urahura n umuntu arengana ugasanga agenda avugana n'abantu badahari koko?  Agatuka...
08/07/2024

Ivyo benshi tudatahura!

✅Mbega ntagihe urahura n umuntu arengana ugasanga agenda avugana n'abantu badahari koko? Agatukana n'abo utariko urabona ukibaza ko yoba abibwiye wewe?

Mbega nturihweza umūntu yiruka ahunga kandi atakintu ubona kimwirukana ?

🤔Ntamugenzi canke umubanyi akubwira ko hari ivyo abona nk ibikoko, inzoka canke ibindi bintu kandi bikamutera ubwoba?

🔴 Bamwe bati koko iyo si ikindi atari imiyaga maze bakaja muvyumba gusengerwa ngo bakire !

⭕ Ico kimenyetso abahinga bacitwa "Hallucination", iyo bibandanije ataburyayi bw'umubiri bugaragara uwo muntu arwaye, vyoba vyiza mwituye umunga mubijanye no kuvura mutwe canke uwanonosoye ibijanye n inyifato hamwe n'ivyiyumviro babafashe kuko ishobora kuba arí intango y Ibimenyetso vy'imwe mu ndwara zo mu mutwe!

13/04/2024
Woba uri muri uru runganwe?iGen!!!Tubayeho mugihe umurindi w'isi mw'iterambere ry'ubuhinga bwa none bwo gutumatumanako a...
16/02/2024

Woba uri muri uru runganwe?
iGen!!!

Tubayeho mugihe umurindi w'isi mw'iterambere ry'ubuhinga bwa none bwo gutumatumanako ari igikoresho kiri hafi cane y'abagize isi na cane cane urwaruka.

🔴 Abahinga bataziriye urunganwe rwarutse hagati ya 1995 na 2010 canke , aho berekana ko arirwo runganwe rwamaze igihe c ubuyabaga kubuhinga bwa none biciye kumaterefone ya none yitwa smartphone 📱📲 yabayeho kuva 2007.

⚠️ Uti none bivuze iki ??

Abahinga berekana ko ugukoresha (réseaux sociaux) vyagabanije cane umwanya wo kubonana imbona nk'ubone n'incuti n abagenzi, ico twokwitwa (le temps passé avec des amis en personne).

😭😭 N'aho bisa n'ibinezereje kandi bikagaragara ko urwaruka rusa n'urukayangana ku mbugahwaniro, Ibiharuro vyerekana ko kuva 2010 kugera 2015, Ibimenyetso vy' vyiyongereyeko ibice 33% kandi icegeranyo cerekana ko abayabaga b'abigeme kwabo kwiyongereye ibice 65%
Rabe aha👉👉(Twenge,Joiner, Rogers, 2017)

✔️Ego cane kandi cane gose turakeneye gukoresha imbugahwaniro mukuyaga n incuti zacu zitari hafi canke mukazi ka misi yose.

Bamwe bati "Muribuke kwigerera"

⚠️ Urunganwe rwacu ruri mukaga ko kuba nyamwigendako gusumba abatwitangiye imbere kandi uruhara runini rw'ico kibazo, ukumara umwanya muremure ku mbugahwaniro biri kw'isonga!

✔️Uwuri muri uru runganwe iGen akirize (1995-2010)

Uwambere murabe muri commentaire yambere👇👇👇

Irinde kwicuza ugifise akaryo--------------------------------------------Bronnie Ware niryo zina ryiwe akorera mu gihugu...
21/08/2023

Irinde kwicuza ugifise akaryo
--------------------------------------------
Bronnie Ware niryo zina ryiwe akorera mu gihugu ca Australiya.

Akaba afasha abarwayi bageze kumpfiro

Mu gitabo ciwe ahurutse kwandika citwa
" " Aho yerekana abantu benshi iyo bageze kumpfiro.

🔴 Ubu*ima ni cane. Birashoboka kubaho ukarangiza ubu*ima bu*ira ukwicuza.

Bisaba ubutwari, n'ubwitonzi kugira ushobore kubaho ubu*ima bw'umunezero no gushimishwa n'ivyiza ufise utarajwe ishinga ngo uhagarikwe umutima n'ubwoba bwa kazoza.

🔜None Ibīntu 5 bacuza na vyo ni ibihe??

Ng'uku uko babishikirizanya aho bari baryamye ku gitanda c'abarwayi bagiye kurangiza ubu*ima bwabo aha kw'isi bavuga bat :
👇👇👇👇👇👇

1. "Nicuza kubona ntahaye agaciro ubu*ima bwanje ukwo ndi, nkahahamira kubaho ukwo abandi babayeho"

2. "Nicuza igihe nataye nkora nkiyima umwanya wo guha agaciro ubu*ima bwanje"

3. "Nicuza ko niyimye akaryo ko gushira ahabona ibigumbagumba vyanje nkizirika umutima"

4." Nicuza ko ntabaye hafi abagenzi ngo ndabahe agaciro bakwiriye."

5. "Ndicuza kuba ntahisemwo kubaho nezerewe"

👌 Si imisi yose tuzokwama turonka ivyo dukeneye ariko ivyo tudafise ntibikatunyage umunezero wo kubaho ubu*ima bwacu uyu musi.

✅ Shīma Ukwo uri, nezerezwa n'umuryango wahawe, shimishwa no kuba ukiri mu*ima ntugahahamire ibirenze kuko ngo :


Tuzorabira hamwe ingingo yose ntimucikwe n'inkuru ikurikira.

Sangiza abandi iyi nkuru máze mutibagiye gusiga na aho musi👇👇👇

https://youtu.be/ea_Ua5fPQUA, turabe Kano ka video kuri youtube" kwiza JM TV"karadufasha kumenya bike bitewe Nico abensh...
28/06/2023

https://youtu.be/ea_Ua5fPQUA, turabe Kano ka video kuri youtube" kwiza JM TV"karadufasha kumenya bike bitewe Nico abenshi bibwira kubijanye nindwara yo mumutwe
Ntiwibagire gukora s,abonner na partage

Mbega weho indwara yo mumutwe uyibona gute Aho ubaye?

Amastress aratumaze-----------------------------------------Iyi mvugo ngo    y'ubu*ima hamwe n'abivugira ngo je ndi    t...
20/06/2023

Amastress aratumaze
-----------------------------------------
Iyi mvugo ngo y'ubu*ima hamwe n'abivugira ngo je ndi turakunze kuvyumva pe aho tubaye!

😲 None koko ijambo rivuze iki mu bu*ima bwa misi yose ?

Ubu*ima bwuzuye umuntu ku mpande zose kandi ntaho ushobora kubihungira usivye mw'isi y'abazima.

Iyo umuntu ahuye na kimwe muri vyo buri musi kikamugirako ubwaku bigatuma agira urugero bigahungabanya ajejwe, ako kanya ntawokekeranya ko baba barikumwe.

➡️ Ibituma umuntu ahungabana ntibisa kuri bose, maze uko bigaterwa n'ibintu bikurikira:
✔️Ukwo uri ubwawe
✔️Uko ubayeho
✔️ Uko urimbura ibikubako(perception)
✔️ Ubushobozi ufise bwo guhangana n'icokibazo.
Etc...

❗NI izihe ngaruka zituruka kuri iki kibazo ?

Abahinga berekana ko iyo umuntu ananiwe kwakira ibimuhungabanya bigatuma agira urugero bishobora kumushikana ku ngorane zikomeye ku mpande nyinshi:

1. KU MU BIRI 👇👇

➡️Ingwara z'umutima n'imitsi
➡️Ingwara y'igisukari
➡️Ingwara zo mu bihimba vy'ihemero
➡️Umubiri urataka ubushobozi bwo kwirinda ingwara hamwe n'ibindi

2. Ku bwenge hamwe n'ibigumbagumba
👇👇👇👇

➡️Kwama uhagaritse umutima
➡️Kunanirwa gufata ingingo
➡️Gutakaza icizere n'ivyizigiro
➡️Ubwoba bwa kazoza
➡️Ukubura agatiro
➡️Ukwijirirwa hamwe n'ibindi,...

🔴Ni gute twokwikingira ?

✅ Kwoba ari ukwibesha hamwe wokwibaza ko wobaho , ariko ushobora kugira zimwe muri izi nyifato mu ubwaku vyokugirako:

- Imyimenyerezo ngororamubiri
-Gufungura imfungurwa ngirakamaro na cane cane zidaciye mu mahinguriro
- Gukomeza imigenderanire myiza n'abantu
-Gushira ku rutunde ivyo kurangura umusi wose
-Gukoresha umwanya neza
-Kwiga kwakirana ituze ibikubako
-Kwizigira Ubushobozi bw'Imana
Etc

Woba ugeramiwe n'iki kiza ca ??
Bike mu vyogufasha urabihawe !

Murakoze🙏🙏

Amastress aratumaze ! ------------------------------------Imvugo ikunzwe kuvugwa na benshi ngo:  "kw'isi ni    gusa !"Ab...
19/06/2023

Amastress aratumaze !
------------------------------------
Imvugo ikunzwe kuvugwa na benshi ngo: "kw'isi ni gusa !"Abandi bakiyitwa ngo ni ba da !

🔴 None koko canke bigahungabanya ubu*ima bwa buri musi bwacu vyoba biva hehe ?

Ni he umuntu ga yemwe ?

Ni izihe zodushoboza ingaruka ziterwa n'iki kibazo ?

Ntimucikwe n'iyi nkuru aho bukera kuri iyi page yanyu Kingira Amagara yo Mu mutwe. Murakoze !

Nankana twese twoba turwaye mu mutwe ??-----------------------------------------------------------------------Nk'uko twa...
09/06/2023

Nankana twese twoba turwaye mu mutwe ??
-----------------------------------------------------------------------
Nk'uko twari twabivuzeko, dukunze kwumva ngo " twese mu mutwe gusa ni degré yo kugwara''
Koko niko biri ??

🔴 Ishirahamwe ry' amagara y' abantu kw'isi murwandiko rwaryo rwo kuwa 8/06/2022 rigaragaza ko umuntu afise ikibazo co kurwara mu mutwe mugihe hoba habayeho:

✅Ihungabana rikomeye
✅Ihungabana mu
✅Ihungabana mu

Iyo ingorane imaze kuja ahabona igatuma umuntu kubandanya kubaho atekaniwe muri we, bigahungabanya bikanamubuza n'ibikorwa yahora akora, kwegereza uwo muntu abajejwe gufasha abarwayi bo mu mutwe, bizobafasha ku menya uburwayi afise n'ukwo yofashwa !

⭕ NB: Kugira ihungabana mu vyiyumviro, mu bigumbagumba canke mu nyifato si imisi yose vyitwa uburwayi bivanye n'ibihe umuntu aba arimwo, n'aho aba ari hamwe n'ivyo aba arimwo.
Soma inkuru ikwiye aha:👇
https://www.who.int/fr/news-room/fact-sheets/detail/mental-disorders

❗Koko wihweje ivyavuzwe aho haruguru

Uremeza ko twese twoba mu mutwe ??

Ijambo ni iryawe.!

Mwibuke kubisangiza n'abandi

Address

Bujumbura
00000

Telephone

+25771841333

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Kingira Amagara yo Mu mutwe posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Practice

Send a message to Kingira Amagara yo Mu mutwe:

Share