
15/07/2025
🎯 Uryama amasaha ari munsi ya 6 ku musi? Raba neza amagara yawe! 😴
📌 Abashakashatsi (Medic et al., 2017) barerekanye ko kubura itiro ry’igihe kinini canke itiro ryama rihungabanye bishobora kugira ingaruka mbi ku mubiri n'ivyiyumviro .
Raba ivyo batoye mu bushakashatsi bakoze ku ngaruka :
🧠 Ingaruka zishika ubwo nyene:🥱🥱
Kuruha mu mutwe , umwitwarariko mwinshi
Indwara z’umubiri, ishavu ridahera vyoroshe
Kugabanuka kw’ubushobozi bwo kwiyumvira no kwibuka
❤️ Ingaruka ziba haciye igihe kirekire:
Umuvuduko w’amaraso, indwara z’umutima
Kurwara diyabete yo mu bwoko bwa 2
Ivyago vy’ugufatwa n’indwara ziterwa n'imigera (infections) canke kanser
💀 Gupfa hakiri kare, cane cane ku bagabo
💡 Kuryama neza ni kirumara kandi kenewe cane ku magara yawe yose.
🌙 Impanuro y’uno musi :
➡️ Gabanya gukoresha telefone n’ivyuma vy’amaradiyo (écrans) iminota 30 imbere yo kuryama. Soma igitabu, umviriza umu*iki utuje canke usenge.
🔁 Sangiza aya majambo n’abandi. Ushobora gukiza ubu*ima… 😌✨
📚 I sôko : Medic et al. (2017), Nature and Science of Sleep.