07/07/2025
🔴URUPFU RUBABAJE RW'ABANA YAVYARANYE N'UMUHUTUKAZI MARIE ROSE.
⏹️ Rwagasore, imbere yuko agandagurwa, yari yubakanye na Ntamikevyo Marie Rose mu 1959.
Abo mu nda y'Ingoma y'Ibwami ndetse na Se wa Rwagasore, ntibigeze bishimira uku kubana kwaba bana babo!
Ibwami, bagumye bemanga ko iyo mariage y'abadasangiye ubwoko bayiyamirije, ko bo bemera mariage ya Rwagasore na Mushikiwe Rosa Paula Iribagiza Mwambutsa, nako muvyara we, kuko bivugwa ko uyu Rosa Paula yoba adasangiye nyina na Rwagasore, ariko basangiye se [nibi nzobitohoza neza ndabibahe].
Ibwami bemera ko umugore wa Rwagasore ari Paula, ariko Rwagasore ubwiwe, we akemera Marie Rose kubwo gushaka kunywanisha ubwoko abarundi butari bukirabana neza.
Ntibitevye; Rwagasore aricwa arashwe na umugiriki kuri Hotel Tanganyika aho yari munama nabo bari bafatanije kurongora UPRONA bariko barapanga akarere.
⏩ Rwagasore yishwe itariki 13/10/1961, Uburundi bwikukira itariki 01/7/1962.
⏹️Ba bashingantahe b'Ibwami bari bashinzwe ku*igama Ingoma y'umwami batashaka ko Rwagasore [umututsi, nako biyita abaganwa bakoresheje akenge tutsi] arongora umuhutukazi Ntamikevyo Marie Rose; sibo babonye Rwagasore arapfuye!!
Baciye birara muri twa twana twa Rwagasore yavyara k'umuhutukazi Ntamikevyo barica; babica bakoresheje isumu!
Anita Rwagasore umwana mukuru yishwe afise imyaka ibiri n'inusu [2,5ans], nayo Monique Rwagasore yishwe afise amezi munani [08mois] avutse.
‼️Uru rupfu rutangaje rw'abana ba Rwagasore, rwagize ibanga rikomeye Ibwami, kanatsinda abonyene babikoze ntibashaka ko bimenyekana!
Vyunyuwe nuko ico gihe atabinyamakuru vyigenga vyari bihari, ntama Radios canke ama Télévisions yigenga yari ahari yari kwubahuka kubivuga canke ngo atohoze uko ubwo bubisha bwateguwe bwongera bushirwa mungiro nabo mungoma y'Umwami!
‼️Aha na jewe nubahuka kubivuga nemye, kuko ninyegeje mungundu y'igitoke kuko abiyita abaganwa n'abakozi babo; babonye ndabavugiye ibintu, birababaza cane!
Mbere abo mu nda y'Ingoma, nkubu ntibatahura ingene nshobora kwatagura ibintu nk'ibi, nkavuga ko abibwami bubahutse kwihekura mukuroga abuzukuru babamukako babahora juste ko badashangiye ubwoko; ariko vy'ukuri; ukuri ni uku ndiko mvuga!
‼️Iri yicwa n'izimanganwa ry'abakomoka kuri Rwagasore, ntakindi ryari rigamije atari kwigungirako ubutegetsi kw'abami!
🟣Abiyita abaganwa ico gihe Accord d'Arusha yahavuye yita abatutsi itariki 28/08/2000; ntibashaka nagato ko umuhutu abinjirana mu muryango wabo!
Kuko arinze abinjirana; nk'akarorero Rwagasore arinze avyara nk'abahungu kuri Ntamikevyo;uwo muhungu niwe yari guca asigarana inganji ya se bish*tse agapfa; gutyo igihugu kikaba gifashwe n'imvange!
Bamaze kwicwa, abana ba Rwagasore bo vyarakunze ko bahambanwa iteka hafi ya se, hariya i Vugizo i Kiriri.
Ariko nyina wabo; kubwo urwanko abatutsi b'i Bwami biyita abaganwa ico gihe bamwanka kuva ataranashikamwo kuko yari yabinjiyemwo batamushaka, bamuhamvye ukwiwe, ahinyegeje kure y'igisagara za Nyabaranda!
[Ndafise uwanyandikiye ejo inbox ambwira ko yiboneye neza n'amaso yiwe imva ya Ntamikevyo Marie Rose mukaburi ka Nyabaranda katarimurwa, ngo we avuka mu Kajiji hafi yaho; yarakunda kuja muri izo mva kuyebayebayo akiri umwana muto, u*i ko abana ataco baba binona!]
⚠️Inyuma yo kubura umugabo n'abana muburyo butangaje kandi bakwirikirana, wokwibaza uti none Ntamikevyo Marie Rose nawe, urupfu rwiwe rwagenze gute ko we yapfuye mu 1973, inyuma y'imyaka 10 umugabo n'abana biwe baratabarutse⁉️
We gumana natwe, ntaco uzotuburana muri kahise k'Uburundi twanyegejwe, kahise ba batigeze bubahuka kwandikako kubwo inyungu z'ubwoko bwabo bakingira, kahise utazigera wumva yandikako, n'abandi benshi mutayobewe!!