11/07/2025
*Twofasha umurwayi w'igisukari gute guhangana n'iyo ndwara?*
↩️Ubuheruka twararabiye hamwe uko twofasha abagenda indwara zidakira. Uyu musi turabe akarorero k'umurwayi w'igisukari
🔸 Mugufasha umugwayi w'igisukari kubana n'iyo ndwara ni vyiza ko umuntu yobikora mu buryo bwiyaguye kandi bufata umugwayi ubwiwe utamufatiye hamwe canke wisunge abandi bagwaye iyo ndwara. Ivyo bikaba vyokorwa mukuraba ivyo akenera kwa Muganga, mukuraba ibijanye n'inyifato yiwe mumibereho no mukibano.
⤵️Ng'ibi nyamukuru ivyo umuntu yo kwisunga mu gufasha uyo mugwayi.
↔️ Guha inyigisho mvuzi umugwayi: Kumusigurira indwara y'igisukari muri make, ibishobora kuyitera, ingaruka igira ku magara y'umuntu nuko ishobora kuvurwa. Ico gihe umurwayi aramenya uko urugero rwiwe rw'isukari iduga canke ikagabanuka mu mubiri, uko afungura, uko akora imyimenyerezo ngorora mubiri, n'ibihe bikomeye vy'iyo ngwara( les situations à risque).
↔️ Kumuremesha no kumutera intege: Umuhinga mubijanye n'inyifato n'imibereho arafasha umurwayi kwakira indwara, kugira inguvu ngo ahangane nayo, kumutera intege akumva ko afise uruhara ntangere mu guhangana n'iyo ndwara
↔️ Uruhara rw'umuryango umurwayi asanzwe abamwo mu kumufasha gufata imiti, kumva ko atari wenyene, umuryango umushigikiye. Gusangira ikiyago n'abandi bagwayi b'igisukari biramuha kumva uko bamwe n'abandi bahangana nayo( partage d'expériences et le sentiment d'appartenance)
↔️ Kumenya uko ahindura imibereho no gufungura: Gufata imfungurwa zisunga ubugwayi bw'igisukari, gukora imyimenyerezo ngorora mubiri( ku rugero ashoboye), guhagarika inzoga n'itabi.
↔️ Kwama agerageza kuraba uko amagara yiwe yifashe mu kuja kwa Muganga( Suivi médical régulier). Ubwo bufasha bwose akabuhabwa n'abahinga babifitiye ubumenyi. Abahinga mu nyifato n'imibereho, Abaganga b'abahinga mukuvura igisukari, Abaforoma, Umuhinga muvyo gufungura, Uwujejwe imibano
🔏Abashakashatsi nka Lazarus & Folkman mu gitabu citwa *"Stress, Appraisal, and coping"* barerekana neza ingene umugwayi afashijwe akaremeshwa neza bimufasha cane kubana n'indwara zidakira.
🔏 Fisher mu gitabu citwa *"Traité de psychologie de la santé"* arerekana neza ko umugwayi afashijwe neza hisunzwe zirya ntabwe twavuze hejuru birakingira cane umugwayi nk'indwara z'akabonge ndetse bikamufasha guhangana n'indwara y'igisukari.
Igisomwa ca Aimable NDUWIMANA