Ihinduka ry'inyifato y'abantu rihera kuri jewe

Ihinduka ry'inyifato y'abantu rihera kuri jewe Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from Ihinduka ry'inyifato y'abantu rihera kuri jewe, AIDS Resource Center, Bubanza.

23/06/2024

♥️♥️♥️Ugushikiriza
🗣️Urwaruka rudashikana imyaka 25 rurarenza ibice 60 kw'ijana vy'abarundi bose.Urwo rwaruka ruhanzwe n'ibibazo bishobora kwunyura ingene rwari rusanzwe rubayeho.Aha umuntu yovuga ibibazo n'amadidane urwaruka rugira mu ntango y'ubuyabaga kubera ukutamenya no kutagira insiguro zikwiye,ivyi navyo bigatuma bagira ingorane mu buzima bwabo bwa minsi yose.Ivyo bishobora kugira ingaruka mbi ku bw'igihugu.Urwaruka ruguma mu bibazo n'amagara ataroranye,ivyo ku rugero ntivyitabwaho,maze itunga ry'igihugu rigaherera mu bantu badafise inguvu z'ababifisemwo uruhara bose.
bibazo bihanze imiyabaga birabonekera cane mu mashure uravye ingene abanyeshure batwara inda z'ishushu baguma bongerekana,ukongera ukaraba igene indwara zifatira mu bihimba vy'irondoka canke ikiza biguma vyibinekeza.
rero ko urwaruka n'imiyabaga bigishwa,bakaronka inkuru y'imvaho mu vyerekeye ivyo guhuza ibitsina n'irondoka rijanye n'amagara meza.Ivyo vyonatuma bashobora gutegera ihindagurika ry'umubiri n'inyifato yabo mu ntango y'ubuyabaga.
Ubushikiranganji bw'indero n'inyigisho z'imyuga bwaratunganije ihugurwa rikomeye ry'inyigisho kugira ngo ishure ryisunge ivyipfuzo vy'urwaruka ryongere ribe isoko ry'iterambere rirama rishingiye kw'ihangiro ryo mu mwaka wa 2025.Iryo hugurwa ntiryibagiye ivyerekeye inyifato ibereye y'imiyabaga n'urwaruka mu vyerekeye irondoka rijanye n'amagara meza.
,inyigisho zerekeye inyifato ibereye y'imiyabaga n'urwaruka mu vyerekeye irondoka rijanye n'amagara meza zisanzwe ziri mu vyo amashure yishinze yifadikije n'abandi bitayeho indero y'urwaruka babicishije ku nani zihuza abo bose begwa n'iryo banga.Iyo ni intumbero ikomeye yo gufata mu minwe bimwe vy'ingirakamaro indero y'imiyabaga n'urwaruka mu vyerekeye irondoka rijanye n'amagara meza biciye ku gushirahamwe inguvu z'abafisemwo uruhara bose.

23/06/2024

Mbahamagariye gukurikirana ibi vyirwa birafasha urwaruka

23/06/2024

Ndabaramukij caan mbifuriza kugira amagara meza

Address

Bubanza

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Ihinduka ry'inyifato y'abantu rihera kuri jewe posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Share

Share on Facebook Share on Twitter Share on LinkedIn
Share on Pinterest Share on Reddit Share via Email
Share on WhatsApp Share on Instagram Share on Telegram