
19/05/2022
Tahura orodonasi (ordonnance) y’amarori
----------------------------------------------------------------
Ivyigwa mpuzamakungu vyakozwe kubijanye n’indwara z’amaso birerekano yuko indwara z’amaso zituma abagwayi bambara amarori zitera ziyongera kugero kurugero rwaho zokwitwa ikiza. Ivyo vyigwa bikavuga ko muri kazoza bizotera vyiyongera.
Eka naha mukibano mu Burundi biribonekeza neza ko abantu bambara amarori baguma barwira.
None mwoba muzi gusoma no gutahura urupapuro umuganga w’amaso yabandikiyeko amarori ?
Ni ngirakamaro kumenya ibimenyetso vy’amarori mwambara na cane cane n ukwitwararika kubungabunga karya gapapuro aba yanditseko.
Henshi mu mavuriro y’amaso utwo dupapuro twanditse mu gifaransa harimwo ninyandiko ipfunyapfunye bidafasha gutahura benshi mu barundi. Iki gisomwa giteguriwe kubabwira bimwe muri bikurubikuru biranga agapapuro kanditseko amarori.
Mu mavuriro menshi utwo dupapuro dukoze nk ico gicapo kiri mu mpera ahandi naho bicafye muburyo butandukanye ariko bikuru bikuru ni uko bimeze. Ng'iyi insiguro y'amajambo ari kuri utwo dupapuro:
Vision de loin – bisigura « kubona kure » . ni kuvuga ko ibiranga amarori vyanditse imbere yako gakaro ari ibifasha uwuyambaye kubona kure
Vision de pres – bisigura « kubona hafi » . Ni kuvuga ko ibiranga amarori vyanditse imbere yako gakaro ari ibifasha uwuyambaye kubona hafi.
Add ni impfunyapfyunyo ya « addition » nosigura nti « icongeweko » - ni ubushobozi bwongewe ku marori yo kuraba kure kugirango umuntu ayarabiyemwo abone hafi.
OD – œil droit : ijisho ry’iburyo
OS – œil gauche : ijisho ry’ibubamfu
Sph – sphere soma « sifere »
Cyl – cylindre soma « silendre »
Axe – axe soma « agise »
Mu gice gikurikira tuzobayagira ibijanye n ibi bikurikira
→ umuti mu marori bisigura iki ?
→Mbega ayo majambo « sifere (sph) , silendre (cyl) , agise (axe) asigura iki ?
Mufise ibibazo murashobora kubibaza mubutumwa bugufi canke mukandika iciyumviro canyu. Murakoze