21/01/2021
Amarori aratera amaso? Ukuri ku marori.
---------------------------------------------
Ni kenshi na kenshi mu mibano yacu wumva umuvyeyi akariye umwana yigeze amarori ya mukuru we canke umubanyi, amubwira ko nawe ahava arwara amaso. Vyoba ari vyo?
Haba namba amarori ni nk’akabando kurya muntu acumbagira (ico dukunze kwita amabekiye). Kwambara amarori ntivyotuma urwara amaso nkuko gutambukira ku mabekiye bitotuma uvunika.
Amarori avura amaso arimwo umuti?
Turakunze kwumva bavuga ngo amarori arimwo umuti, benshi mbere bakanatinya ko arwako amazi ngo umuti wohava uvamwo. Ariko ukuri nuko mu marori ata muti numwe urimwo.
Itandukaniro riri hagati y’amarori yo gushaza n’amarori avura amaso n’uko amarori yo gushaza ata bushobozi bwo guhindura inzira y’imirongo y’umuco afise, ico twokwita inguvu nkatishamuco zayo zingana n’ubusa (0D), mugihe amarori yagenewe kuvura amaso usana ashoboye gukatisha umuco.
Kwoza amarori ukoresheje amazi ntibigabanya na gato ubwo bushobozi ariko arashobora guharagurika nico gituma vyiza amarori woyahanaguza agatambara hamwe n’amazi yabigenewe.
Ukaba ufise ikibazo kijanye n’amarori candike .