
12/07/2025
Jeannette Kanyamuneza umwe mu bakinyi b'impano bo mu murwi NAWE Ni NKAWE!
Ariko ikintu mushobora kuba mutari muzi, ni uko Jeannette ari n’umushakashatsi w’inkerebutsi kandi akunda cane gukora ubushakashatsi bwerekeye amabi afatiye ku gitsina.
Nk'uko asanzwe yariko araheraheza ivyirwa vyiwe mu gisata ca Psychologie muri Kaminuza y'Uburundi,Aheruka kurangiza kwandika igitabo kugira aronke urupapuro rw’umutsindo w’amashure ya kaminuza rwa Master akaba yakoreye cane kumabi afatiye kugitsina na cane cane kubagabo bahohoterwa mu ngo.
Ubushakashatsi yabukoreye mw’Ishirahamwe Abagabo Mu gahinda riheruka kwemerwa gukora k'umugaragaro kw'itegeko ry'Umushikiranganji w'Intwaro yo Hagati mu gihugu.
Igenekerezo rya 16 Mukakaro uyu mwaka akaba ariho azosoma kumugaragaro ico gitabo.
Turishimiye kubona abakinyi bacu batera intambwe , bakaja kwihweza ibibazo vy’imibano na rirya ari kimwe mu bibazo bisanzwe biriko birahungabanya imibereho yabantu beshi muri iyi minsi.
Turamwifurije amahirwe no kubandanya ater’imbere mubuzima.