Nawe ni Nkawe

Nawe ni Nkawe Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from Nawe ni Nkawe, Mental Health Service, ROHERO, Bujumbura.

Nous sommes une Agence de communication pour la santé mentale au Burundi.Notre Mission est d'Éduquer et de sensibiliser pour un changement sociétal significatif.

Ikigendajuru Artemis II kiraza kugaruka kw’isi inyuma y'imisi 10 cari kimaze mu kirere ku kwezi.Ico kigendajuru ca Artem...
10/04/2026

Ikigendajuru Artemis II kiraza kugaruka kw’isi inyuma y'imisi 10 cari kimaze mu kirere ku kwezi.

Ico kigendajuru ca Artemis II Orion kiraza k***a mu kiyaga isaha zibiri n’iminota 7 z’ijoro (amasaha yo muri California) ku wa 10/4/2026

Ku bantu bari mu Burundi no mu Rwanda, bisigura ko kiza k***a isaha umunani n’iminota 7 z’ijoro uyu munsi (mu bucagucagu bwo ku wa gatandatu, italiki 11/4/2026).

Imbere y’uko kigwa, ico kigendajuru kiza gutangura kwinjira mu kirere c’isi isaha indwi n’iminota 53 zo mu bucagucagu. Muri ico gihe, kizoba kigenda ku muvuduko munini cane kandi kigashuha cane, kandi ugutumatumanako kw’amakuru kuraza guhagarara iminota mikeyi. Inyuma y’aho, imitaka iraza kwuguruka kugira kigabanye umuvuduko hanyuma kigwe neza mu mazi.

NASA iza gutangura kwerekana ibiriko biraba isaha 12 n’iminota 30 zo mu gicugu (amasaha yo mu Burundi), kugira abari mu Burundi no mu Rwanda bashobore gukurikirana neza ivy’uru rugendo.

Tubamenyeshe ko abari muri Artemis II bari bagizwe nabantu4 aribo Reid Wiseman,Victor Glover,Christina Koch, hamwe na Jeremy Hansen.

Victor Glover azoba umwirabura wa mbere agiye hafi cane n’ukwezi
Christina Koch azoba umugore wa mbere agiye kuri urwo rugendo.

None ko kiza kugwa mw' ibahari, ubwo biraza kugenda gute?Twizereko Imana iza kubashikana amahoro
Reka twitege gukurikirana ayamateka mashasha yandikwa kw'isi yose kuri uyumunsi wa 10/4/2026

NASA Artemis
NASA - National Aeronautics and Space Administration
Rusegenya Citizen Media Fulgence Irakoze

Iyo tuvuga ibihe ndanduramutima ni nk'ivyaraye bibaye aha mu gisagara ca Bujumbura.Uko rero umwe n'uwundi abibamwo birat...
01/04/2026

Iyo tuvuga ibihe ndanduramutima ni nk'ivyaraye bibaye aha mu gisagara ca Bujumbura.
Uko rero umwe n'uwundi abibamwo biratandukanye kandi n'ingaruka bishobora kugira kuri uyu n'uriya biratandukanye.

Bivanye nuko ibintu bitari bike biba vyahononekariye haba ibigaragara canke ibitagaragara aha twohera kw'ihungabana rusangi kw'abantu,ugutandukana kw'abantu n'ibintu,gutandukana kw'abana n'abavyeyi,kwibwa ivyawe, eka no kubura ivyawe bijanye n'ubwoba butewe n'ibihe,n'ibindi...

Bivanye nivyo vyose umuntu aba yaciyemwo,ico gihe twumve ko Inyifato uyu canke uyundi ashobora kugira ziratandukanye. Nico gituma icangombwa ni ugutahura ko ivyo bihe biba bidasanzwe mu buzima bw'umuntu maze iyo tubonye uwugaragaza ibishobisho uku canke kuriya twakire uko yiyumva.

Ubuzima ni insiguro y'amajambo agoye.Kubishikiye umuririmvyi Kirikou bitanga icirwa n'icizere kuri benshi.  AKili araran...
28/03/2026

Ubuzima ni insiguro y'amajambo agoye.
Kubishikiye umuririmvyi Kirikou bitanga icirwa n'icizere kuri benshi.

AKili araranye imodoka igira kabiri ahawe na Award,14ème edition ihiganwa ritegurwa na .ikiryoshe rero izo modoka zose akaba azironse atamahera rwiwe atanzemwo.

Kirikou Ubuzima bugoye yaciyemwo bwatumye aja mw'ibarabara atari kubwubushake ahubwo kubw'ubuzima butari bumeze neza aho ndetse yatanguye kuririmba kugira ijwi ryiwe rizoshike kure kugira afashe n'abandi bana bari mubuzima bugoye kugira ntibazoce muvyo yaciyemwo.

Intahe yiwe ivuga ko hari benshi banse kumufasha agitangura ndetse bamutera akagere ariko hari n'abandi bamufashe bamufasha gushika ku ndoto ziwe zo kuba umuririmvyi akomeye mu Burundi no hanze y'igihugu.

Uwavuzeko “Utarapfa atakirapfa!”ntabwo yabeshe.

Imana niyo nkuru
Ntihagire abazoguca intege ngo ntaco uzovamwo,ngo uzopfa ukenye canke ngo ntaco uzimarira. Imana nta kure itokura umuntu kandi nta kure itoshikana umuntu!

Ibi bishikiye Kirikou nawewe bishobora kugushikira bandanya urugendo rw’ubuzima ibindi muzohurira munzira.

23/11/2025

Quand tes émotions prennent le contrôle 😅😭😡
Rire, pleurer, …

23/11/2025

Biraherera he?

18/11/2025
17/11/2025

Kubera iki muri iyi minsi hamaze igihe hibonekeza abantu biyahura?aho iwanyu mwumva vyoba biva kuki?

L'anxiété cest aussi.....
17/11/2025

L'anxiété cest aussi.....

Woba ukunda guharira ?woba ufise umugenzi akunda guharira? wibaza ko guharira biva kuki?ese yoba ari indwara??Kaze muri ...
26/10/2025

Woba ukunda guharira ?woba ufise umugenzi akunda guharira? wibaza ko guharira biva kuki?ese yoba ari indwara??

Kaze muri iki kiyago.

Ibintu vyo guharira biva ku mvo zitandukanye. Hari aho biva kw'ishavu ry'umuntu, bishobora kuba ndemanwa, canke kw'ihungabana muri kamere kiwe canke mu nyifato ziwe (trouble de la personnalité ou trouble du comportement). Guharira rero kica kiba kimwe mu bimenyetso vy'ihungabana ry'amagara yiwe yo mu mutwe.

Nayo ingaruka mbi ivyo biheza bikazanira uwo muntu n'uko ivyo bifise ingaruka kuri uwo muntu nyene, kuko iyo yama abikora arashika aho abantu bamuharira ivomo. Baramwishiramwo nabi, n'iyo yoba afise iciyumviro kirashe ntibigera bamuha umwanya .
Muri ico gihe iyo uwo muntu amaze gukumirwa mu kibano no kudatahurwa, ashobora kugira ihungabana ry'amagara yo mu mutwe.

Niko nawe wari ubizi?Dusangize nawe uko wabitahuye.

Address

ROHERO
Bujumbura

Telephone

+25779003186

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Nawe ni Nkawe posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Practice

Send a message to Nawe ni Nkawe:

Share