23/04/2024
Abarundi 8 baramaze kugandagurwa mu kwezi kumwe muri Afrika y'epfo !
Abarundi bari muri Afrika y'epfo, canecane mu gice ca Capetown, ntiborohewe. Basigaye babayeho bariko barashira hamwe intererano zo guhamba bagenzi babo. Muri ino ndwi bashinguye batatu, mu ndwi yahera bari bashinguye babiri. N'imiburiburi Abarundi 8 barishwe mu kiringo c'ukwezi kumwe, hagati ya ntwarante na ndamukiza 2024. Hari abatubwiye ko abishwe bashobora kuba ari icenda muri ico ikiringo gusa. Abarundi barababajwe n'agacerere k'abategetsi b'Uburundi be n'abaserukira Uburundi muri Afrika y'epfo.
Hano ku mafoto murabona abo tumaze kumenya :
1. Ifoto ya mbere ni umurundi yishwe ku wakane uheze (18.4.2024), yarasiwe mw'ibutike yakoreramwo. Izina ryiwe ntiturarimenya. Uwomumenya yotwandikira.
2. Ifoto ya kabiri ni Franck Shima yishwe itariki 11.4.2024, yarasiwe mw'ibutike yakoreramwo. Franck Shima yavuka mu Kigwena mu ntara ya Rumonge. Agiye afise imyaka 26 gusa.
3. Ifoto ya gatatu ni Élysée Tuyisenge yishwe italiki 07.4.2024, yarasiwe mw'ibutike yakoreramwo.
4. Ifoto ya kane ni Paul Ndabahinyuye yishwe itariki 25.3.2024, yarasiwe mw'ibutike yakoreramwo, inyuma y'indwi zibiri atanguye akazi. Paul Ndabahinyuye yavuka mu Rumonge.
5. Ifoto ya gatanu ni Vedaste Nkurunziza yarashwe itariki 24.3.2024 muri salon de coiffure yakoreramwo, aca acikana itariki 05.4.2024.
6. Ifoto ya gatandatu ni Adrien Nyandwi yishwe itariki 23.3.2024, yarasiwe mw'ibutike yakoreramwo. Adrien Nyandwi yava mu ntara ya Rumonge.
7. Ifoto y'indwi ni Raymond Ndikumana yarashwe itariki 05.3.2024 n'umurwi w'abanya Etiyopiya. Raymond Ndikumana yavuka mu Ruziba.
8. Ifoto y'umunani ni Jean-Claude Ndayishimiye yishwe itariki 05.3.2024. Jean-Claude apfuye afise imyaka 20 gusa y'amavuka.
Umurindi w'igandagurwa ry'Abarundi baba muri Afrika y'epfo urateye ubwoba. Aba bose bari bagiye kurondera ubuzima, bari batunze imiryango mu Burundi. Leta y'Uburundi ntikwiriye kwihoza aya magorwa y'Abarundi. Ntikwiriye kuguma yinumiye.
Turah