05/03/2026
UBWOROZI BW'INKOKO INTAMBWE KUYINDI
1️⃣ Gutegura umugambi (plan)
Ubanze wibaze:
Ushaka kworora inkoko zo kurya (broilers) canke inkoko z'amagi (layers)?
Ufise umutahe amafaranga angahe yo gutangura?
Ushaka gutanguza n’inkoko nkeya (50–100) canke zirenga?
👉 Ibi bizogufasha kudahomba.
2️⃣ Gutegura ikibanza (poulailler)
Ukibaza cawe kibe ciza , kitinjiramwo umuyaga mwinshi cane.
Kigire isuku, kidatembamwo amazi canke kirangwemwo ibiziba.
Inzu ibe:
Ifise umuyaga winjira n’usohoka
Itarangwamwo imbeba n’inzoka
Ku nkoko 50 → nibura 3m x 4m
3️⃣ Kurondera inkoko nziza zifise amagara Meza
Gura inkoko:
Zifise amagara meza
Ziva ku mworozi canke ikigo cizewe
Ntutanguze n’inkoko nkeya cane.
4️⃣ Imfungurwa n’amazi
Kugura:
Starter (ku ndwi 1–4)
Grower (4–8)
Finisher canke Layer feed
Amazi:
Ategerezwa kuba meza kandi yamaho.
Ongereko vitamines mu ndwi za mbere
5️⃣ Isuku n’ukwikingira indwara
Sukura poulailler nimiburiburi gatatu mundwi
Kurikiza ikirangamusi c'incanco (vaccination)
Ntiwemerere umuntu uwariwe wese kwinjira mu nzu y’inkoko zanse.
6️⃣ Gukurikirana misi yose.
Raba:
Inkoko zawe zirakerebutse?
Zirafungura, ziranywa neza amazi?
Hari izirwaye canke zipfuye?
Ivyo uza kubona hakiri kare bituma utahomba kuko inkoko uca u*ikurikirana zitararemba
7️⃣ Tangura buhoro buhoro
👉 Ntutangure n’inkoko nyinshi utararonka ubumenyi. 50 canke 100 ni vyiza cane mu ntango.
-king tv