Mr Chicken Poultry Farm

Mr Chicken Poultry Farm Iyi Page iragufasha kumenya vyinshi kubijanye n'ubworozi bw'inkoko za kijambere

IRINDE IBI BIKURIKIRA KUGIRA URONKE UMWIMBU MWIZA MU BWOROZI BW’INKUKU 🐓Ubworozi bw’inkoko ni ubworizi bwungika neza  , ...
18/08/2025

IRINDE IBI BIKURIKIRA KUGIRA URONKE UMWIMBU MWIZA MU BWOROZI BW’INKUKU 🐓

Ubworozi bw’inkoko ni ubworizi bwungika neza , ariko kandi ni ubworizi bushobora guhomba vuba cane mugihe utabukoze uburyo bwa kinyamwuga. Aborozi benshi bisanga vyabananiye kubera amakosa mato mato bagenda bakora uko bukeye n’uko bwije.

1️⃣ GUTANGURA UMUGAMBI WAWE UTIZE NEZA ISOKO (AHO UZODANDARIZA IBITUNGWA VYAWE HAMWE N’IBICIRO UZODANDAZAKO)

Sivyiza gutangura umugambi w’ ubworozi bw’inkoko kubera kubera yuko ubonye umubanyi wawe yabikoze a akaronka inyungu.
Iga wongere uharure neza amafaranga umaze gukoresha mumugambi wawe wose : ibifungurwa, imiti, amazi, amatara amafaranga wahemvye abakozi hanyuma urabe ibitungwa vyawe mw’isoko iko bigurwa.

2️⃣ KUBA INZU Y’INKOKO ITUBATSE NEZA KUMATEGEKO

Inzu y’inkoko yubatswe nabi idahitisha umuyaga ukwiye
Canke inzu iva bituma inkoko zigwaragurika bikazana homba

3️⃣ KUDATUNGANYA ISUKU

Amase iyo amaze igihe kinini adakurwaho, atuma indwara zikwiragira.
Sukura inzu y’inkoko zawe kenshi, usubirize isaso kugira ugabanye ingorane z’indwara.

4️⃣ GUCIRA HAGATI RUTONDE RW’INKINGO

Abenshi batangura neza ariko bagacita hagati inkingo.
Inkingo ni bwo buryo bw’ukwikingira bwa mbere ; utazikurikiranije zose indwara zizomara ibitungwa vyawe vyose.

5️⃣ KUDATANGA IBIFUNGURWA BIKWIYE

Ibifungurwa bituzuye bituma inkoko zidakura neza, bigatako zigata amagi make kandi zikagira amagara make.
Amafaranga ushiramwo ibifungurwa ni ishora, si uruhombo.

6️⃣ KUBA UTANDIKA IVYO UKORA

Mugihe utandika, ntushobora kumenya yuko wungutse canke warahomvye.
Andika ivyo uze uragura n’ivyo uze uradandaza.

7️⃣ KUTARONDERA ISOKO IMBERE YO GUTANGURA

Ntutangure kworora, hanyuma uheze uronderere abaguzi.
Rondera abakiriya hakiri kare kugira ntuze ugumane inkoko canke amagi bitafise ababigura.

👉 Wibuke ko ubworozi bw’inkoko atari amahirwe gusa, ahubwo ni umwuga usaba umugambi, indero n’ukubikurikirana. Niwabikora neza, inkoko zawe zizogutunga kandi nongere ziguhe umwimbu mwiza ata guhagarika umutima.
Fyonda kuriyi Page ugira wironkere ubumenyi ivyigwa birabandanya

INGWARA Y’INKOKO ZIVYIMBA AMASO AKAZAMO AMAZI Raba neza iyi foto IMBERE n’INYUMA y’ubuvuzi ! Iyo nkoko yari ifise ibimen...
03/08/2025

INGWARA Y’INKOKO ZIVYIMBA AMASO AKAZAMO AMAZI

Raba neza iyi foto IMBERE n’INYUMA y’ubuvuzi !

Iyo nkoko yari ifise ibimenyetso vy’amaso yavyimvye, amaso yugarijwe, n’ukubona nabi canke guhuma — ikimenyetso c’ingwara yitwa Coryza. Iyi ndwara nshimye kuyigarukako kubera yuko ari ingwara igisibije ingwara ituma aborozi benshi baja muruhombo rudasanzwe iyi nayo ikaba iterwa n’imigera kandi ishobora gukwiragira ningoga ku nkoko zose ziri mu mukumbi.

Ibimenyetso bisanzwe :

1. Amaso yavyimvye canke yuzuye ibikomere.

2. Inkoko kuzana akamoto kabisa.

3. Inkoko Kudafungura neza .

4. Inkoko kugura Intege nke n’ugutakaza ibiro.

Uko iyo ndwara ivugwa:

Imiti irwanya indwara nk’iya Tylodox, Tylan canke Oxycycline

Gutandukanya inkoko zirwaye n’izindi

Sukura inzu y’inkoko ikaba ifise ahantu harengana umuyaga ukwiye

Kwongera amavitamine mu mazi (nk’akarorero introvit na Aliseryl)

Nturindire gushika aho inkoko zawe ziremba ! Ingwara z’amaso zirashobora gukira ningoga iyo zimenyekanye hakiri kare. Kurikira page yacu kugira uronke inyigisho nyinshi z’ubworozi bw’inkoko.

Fyonda SUIVRE canke FOLLOW ngaho hejuru kugira ntucikwe nivyigwa bizokurikira

NIKUKI INKOKO ZANJE  ZIPFA?? Borozi bakundwa, mushobora kuba mwibaza ikibazo nk’iki mu mitwe wanyu kuko mu buryo bw’ubuh...
15/07/2025

NIKUKI INKOKO ZANJE ZIPFA??

Borozi bakundwa, mushobora kuba mwibaza ikibazo nk’iki mu mitwe wanyu kuko mu buryo bw’ubuhinga uburyo bwagutse bwo kworora inkoko zidegemvya ( i.e. free range farming ) bwobwo buri mu kaga gakomeye gatuma inkoko zirwara kuko zigenda zija ku babanyi aho zigahura n’izindi zigwaye gutyo zikahandurira imigera izitera indwara,,,

Ukibaza igituma inkoko zawe zigwaragurika kandi uzororeye mu nzu(Poulailler) kandi uziha imiti neza
Inyishu niyi ikurikira.
iyo wororeye inkoko zawe munzu vyukuri ziba zifise amagara meza cane ariko Wewe ubwawe ni wewe uzizanira indwara.
Muti bigenda gite ?
Iyo ugiye guemberera aborozi bagenzi nawe maze hanyuma ugasubira muruhongore rwawe rw’inkoko uba uzizaniye imigera y’indwara ukuye kw’iyororero ry’umworozi mugenzawe utabizi iyomigera iba iri impuzu canke kubirato wambaye rero ntukwiye kwinjira munzu y’inkoko zawe uvuye munzu y’izindi nkoko banza uhindure impuzu n'ibirato ubone kwinjira
Kandi bish*tse ugaterwa n’indwara hanyuma bigashika hakagira inkoko zipfa wirinde cane guta imivyimba hafi y’ibiraro vyawe vy’inkoko yihambe kure canke uyiturire
Mugusozera nagomba nsabe abankurikirana baronse ubutumire bwiyi Page bafyonde kuri ( SUIVRE ) kugira ntimucikwe n’izindi nyigisho namwe bashasha murahawe ikaze mufyonde ( SUIVRE )

13/07/2025

Mention spéciale à mes nouveaux(elles) super fans ! Elvis Elvis Nininahazwe, Etebo Bizaneza

🦠 ICIGWA  KU BIJANYE  N’IBICIRANE VY’INKOKO 🐓 . 📌 Izina ry’Indwara : Coryza yandukira, biciye mubihimba vy’ihemero ariko...
12/07/2025

🦠 ICIGWA KU BIJANYE N’IBICIRANE VY’INKOKO 🐓 .

📌 Izina ry’Indwara :

Coryza yandukira, biciye mubihimba vy’ihemero ariko aborozi benshi bayita ibicurane vy’inkoko.

Intandaro y’iyo ndwara :

Iterwa n’umugera witwa Avibacterium paragallinarum.

Ibimenyetso vy’ibicurane bikuru bikuru :

1. Ibiseru vyinshi biva mu zuru

2. Inkoko zirajunja zikaguma ahantu hamwe .

3. Kuvyimba mu maso cane inkoko ntibe igishobora gukanura .

4. Gukorora no noguhema nabi.

5. Kubura akayabagu .

6. Inkoko iratakaza ibiroikonda cane.

7. Inkoko iragabanuka guta amagi canke ikabihagarika .

8. Akamoto kabi kava mu zuru canke ku mukanya k’inkoko.

🐔 Inkoko zibangamirwa niyo ndwara ni
1. Amashashi
2. Izita

Inkoko ziba munzu atamuyaga mwiza urengana.

💉 Incanco yo kwirinda :

Nta rucanco rw’iyi ndwara y’ibicurane yibonekeza mu bice vyinshi vyo mu Burundi, ariko mu bihugu bimwebimwe biteye imbere urucanco rwayo rurahari .
👉 Isuku, umuyaga mwiza munzu y’inkoko, no kwirinda gutemberera amararo yamaze kwandura nibwo uburyo nyamukuru bwo kwirinda.

💊 Ubuvuzi bw’ibicurane :

Koresha imiti igabanya ubukana bw’indwara (ivanzwe n’amazi yo kunywa imisi 3–5) :

1. Tylodox ni nziza cane ku bicurane vy’inkoko .

2. Dokisisikilini + Tilosini (Doksitini, Tilodokisi, Aliserili-Doksi)

3. Okisitetarasiklini

4. Tylovet / Tylan 200.

5. Gutanga amavitamine ari mu mazi nka : Vitalyte, Amino-Vit, Supervet

6. Wongeremwo isukari mu mazi kugira ngo ifashe mu gutanga inguvu

Ivyitonderwa bihambaye :

Inkoko zirwaye uzishire ukwazo ubwo nyene

Itwararike isuku munzu y’inkoko zawe.

📌 Menya Neza :

Indwara y’ibicurane ikaze irashobora kugaruka iyo ibidukikije ari bibi, rero niwitwararike isuku, aho umwuka usohokera, ugaburire Inkoko zawe neza, kandi wirinde kworora Inkoko nyinshi mukibanza gito.

Fyonda J'aime kuriyi Page kugira ntucikwe nibindi vyigwa turacabandanya.

IMPAMVU IMISWI Y’INKOKO ZIPFA N’INGENE WOVYIRINDA 👉 IMPAMVU NKURU ZITUMA IMISWI INKOKO IPFA NI IZI ZIKURIKIRA : 1.      ...
05/07/2025

IMPAMVU IMISWI Y’INKOKO ZIPFA N’INGENE WOVYIRINDA

👉 IMPAMVU NKURU ZITUMA IMISWI INKOKO IPFA NI IZI ZIKURIKIRA :

1. Imbeho nyinshi canke ubushuhe bwinshi

Imiswi ntizishobora kwironsa ubushuhe bwo mu mubiri wayo mu misi 14–21 ya mbere.

Kubura isoko nziza y’ubushuhe bituma imiswi ipfa kubwinshi.

2. Kurya nabi canke ibiribwa bitagira ingaburo nziza zikwiye. Aho nshatse kuvuga

Ivyokurya bitagiramwo poroteyine, vitamine hamwe n’ivyunyunyu bituma umuntu imiswi gira inguvu nkeyi bikayiviramwo gupfa.

3. Ingwara

Ingwara nk’iyitwa coccidiose, pullorum, ibicurane vy’inkoko n’izindi zica inkoko ningoga.

Ingwara nyinshi ziterwa n’isuku rike.

4. Ibidukikije vyanduye

Hasi hatose, umuyaga mubi be nokutahindura ivyo wazisasiye birazana imigera bitera indwara.


5. Ubwinshi bw’inkoko mukibanza gito.

Gushirako imiswi myinshi hamwe mukibanza gito bituma habaho kunobana kugwana nokugwana kudahera na stress.

6. Kubura amazi meza kandi akwiye

Amazi acafuye ashobora gutuma imiswi arwara imigera myinshi.

7. Incanco zidakwiriye canke zitevye

Imiswi itaronkejwe incanco ku gihe irashobora gupfa giturumbuka, mbere iterekanye ibimenyetso.

✅ INGENE WOKWIRINDA GUPFISHA IMISWI :

1. Gutanga isoko nziza y’ubushuhe ( itara ry’umuyagankuba canke ya gaze kubayikoresha).

2. Guha imiswi imfungurwa z’intango birimwo 18-21% vy’amaproteine.


3. Guha imiswi amazi meza midi yose , wongereko imiti yo kuyikingira .

4. Isuku : Sukura misi yose aho imiswi yawe iba, ukoreshe umuti wokwica imigera.


5. Incanco : urabe ko ukurikiza urutonde rw’incanco kuva ku musi wa mbere.

6. Irinde guteranira hamwe : ushire imiswi mike ahantu hamwe.


7. Kugabanya stress : Wirinde gukorakora kumiswi canke ngo uyiterure cane.

MENYA NEZA :
Indwi 3 za mbere ni ngirakamaro cane ku buzima bw’imiswi. Iyo uyikurikiranye neza, impfu ziba nkeyi zigashika munsi ya 5%.
Ivyigwa birabandanya fyonda like na Part

INKOKO Z’AMAGI (GUTERA AMAGI)Uyu musi nifuje kubasangiza icigwa kigufi ku bijanye n’inkoko z’amagi   (layer). ✅ 1. Ubwok...
05/07/2025

INKOKO Z’AMAGI (GUTERA AMAGI)
Uyu musi nifuje kubasangiza icigwa kigufi ku bijanye n’inkoko z’amagi (layer).

✅ 1. Ubwoko bw’inkoko :
Inkoko z’amagi (layers) n’inkoko zororwa kugira ngo zite amagi menshi. Akarorero ni ISA Brown. Zitangura guta amagi kuva mu ndwi ya 18 gushika ku ya 20.

✅ 2. Inzu :
Ni vyiza kugira inzu y’inkoko isukuye ifise umuyaga ukwiye, atari wamuyaga mwinshi cane ugurira ibintu. Ntihakwiye kuba hakanye cane canke hashuhe cane.

✅ 3. Ivyokurya :
Inkoko z’amagi zigaburigwa uku gukurikira.

Kuva mu ndwi 0-8 : zigaburire imfungurwa zagenewe imiswi zitwa Demarage

Indwi 9-18 : zigaburire imfungurwa zagenewe amashashi zitwa Croissance

Indwi 18 n’iyirengeye : zigaburire imfungurwa zagenewe inkoko Zita bita imfungurwa za Ponte
Zigaburire vy’ivyatsi ivyo navyo bitegerezwa kuba bifise poroteyine n’ivyunyunyu bikwoye kugira ngo amagi ashobore gukomera.

✅ 4. Amazi :
Amazi meza ni ngombwa abe ahari umwanya wose kandi asukuye. Iyo acafuye, inkoko zica zifatwa indwara ningoga.

✅ 5. Incanco :
Incanco ni ikigwanisho co kurwanya indwara.
Uru nirwo rutonde rw’indwara zihambaye zogucandagwa n’ikoringo nyezina cokuzicandagirako :

Ivya Marek – umusi wa 1

Newcastle – indwi ya mbere n’ugusubiramwo

Gumboro – indwi ya 2 n’ugusubiramwo

Tifoyide y’inkoko – indwi ya 8
(Igihe n’ubwoko bivana n’urutonde rwawe n’impanuro z’abahinga)

✅ 6. Uguhingura amagi :
Inkoko z’amagi (Layers) ita amagi hagati ya 250–300 ku mwaka ivyo zikabikora imyaka ibiri. Mu ndwi za mbere, umwimbu uragwira cane gushika ush*tse ku rugezo rwo hejuru mu ndwi ya 25–35.

✅ 7. Ingorane :

Inkoko zoragwaragurika (iyo incanco zitatanzwe ku gihe)

Guturubikwa kw’inkoko (Stress ). (ubushuhe, urusaku, inzara, kubura amazi yokunwa bituma umwimbu wamagi utagenda neza
Bandanya mudukurikirana ivyigwa birabandanya.

MENYA  GUTANDIKANYA INDWARA Z'INKOKO  URABIYE KW'IBARA ZIVYO ZITUMYE1. GUCIBWAMWO AMAZI YIBARA RYERA(Pullorum bacilary d...
08/03/2025

MENYA GUTANDIKANYA INDWARA Z'INKOKO URABIYE KW'IBARA ZIVYO ZITUMYE

1. GUCIBWAMWO AMAZI YIBARA RYERA

(Pullorum bacilary diarrhoea)

Iyi ndwara ikunda gufata inkoko zikiri ntoya zitarakwiza indwi zine(4) aho usanga zicibwamwo amazi yera

UKO IVUGWA: Isuku ryoneye munzu y'inkoko nokwirindako amazi asesagirika cane munzu y'inkoko

2. INKOKO GUCIBWAMWO IBISA N'IBARA RY'UMUHONDO
( Fowl cholera)

Inkoko yituma ibisa n'umuhondo

UKO IVUGWA Gura imiti yitwa:- Esb3, Amprollium

3. INKOKO YITUMA IBISA N'UMUNYOTA
( Coccidiosis)

Muntango inkoko yituma ibisa n'umunyota munyuma ikituma ibisa n'umunyota bivanze n'amaraso

UKO IVUGWA : Umuti witwa VITACOX canke ANTICOX

4. NEWCASTLE
(Newcastle)

Inkoko yituma ibisa icatsi kibisi iyi ndwara ntivugwa

5. AMAVYI YERA
(Typhoid)

Inkoko yituma amavyi yera ugasanga yamase inyuma kugisusu cayo canke ugasanga kugisusu cayo haratose Hari ibara ryera

UKO IVUGWA : Umuti wayo ni Esb 3

6. GUMBORO

Ikunda gufata cane imiswi ikiri mito ugasanga yituma amazi.

UKO IVUGWA : Zihereze vitamini na antibiotic

KUZINDI NSIGURO TWANDIKIRE KURI WHATSAPP 69 13 49 64

Mwaramitse neza ncuti zanje. Abifuza kurangura amagi yogufungura murahawe ikaze dukorera muntara ya   kumugwa mukuru win...
11/02/2025

Mwaramitse neza ncuti zanje. Abifuza kurangura amagi yogufungura murahawe ikaze dukorera muntara ya kumugwa mukuru wintara hafi yisoko nkuru ya duhamagare canke utwandikire kuri WhatsApp 69134964

Abakeneye ama Oies turabahaye ikaze duhamagare canke  mutwandikire kuri whatsapp 69134964
04/08/2024

Abakeneye ama Oies turabahaye ikaze duhamagare canke mutwandikire kuri whatsapp 69134964

15/07/2024

La nature a beaucoup à nous enseigner :👏🏼 félicitations monsieur Le coq🐓🐥🐥🐥

𝐋𝐀 𝐂𝐎𝐂𝐂𝐈𝐃𝐈𝐎𝐒𝐄 𝐄𝐓 𝐋𝐀 𝐌𝐀𝐋𝐀𝐃𝐈𝐄 𝐃𝐄 𝐍𝐄𝐖𝐂𝐀𝐒𝐓𝐋𝐄🎯 La maladie de Newcastle (peste aviaire)Très contagieuse et foudroyante, les ca...
29/03/2024

𝐋𝐀 𝐂𝐎𝐂𝐂𝐈𝐃𝐈𝐎𝐒𝐄 𝐄𝐓 𝐋𝐀 𝐌𝐀𝐋𝐀𝐃𝐈𝐄 𝐃𝐄 𝐍𝐄𝐖𝐂𝐀𝐒𝐓𝐋𝐄

🎯 La maladie de Newcastle (peste aviaire)

Très contagieuse et foudroyante, les cas de survie sont rares et des séquelles sont souvent à craindre. La "peste aviaire" correspond à une septicémie brutale et incurable une fois contractée par un volatile. Les symptômes sont une forte fièvre, un abattement, une déshydratation accompagnée de grande soif, une perte d'appétit. Les poules atteintes présentent souvent des plumes hérissées et des troubles respiratoires et nerveux. Contre cette maladie redoutable et mortelle, la mise en quarantaine des individus touchés est nécessaire pour protéger les autres de la contamination. Bien qu'aucun traitement curatif ne soit possible, un vaccin préventif existe heureusement contre la peste aviaire.

🎯 La coccidiose, une maladie parasitaire

Cette maladie de l'intestin, causée par des protozoaires, correspond à une infestation parasitaire qui peut provoquer un éclatement de l'intestin grêle et un affaiblissement extrême de l'animal, dont les ressources nutritives (aliments et sels minéraux) sont exploitées par les parasites. Les os des poules malades sont fragilisés, ce qui cause chez ces dernières des douleurs aux membres. On observe une anémie chronique et des diarrhées sont possibles. Le recours à des antibiotiques et anti-coccidiens mélangés à la nourriture est un traitement généralement efficace si la maladie est détectée à temps.

: Faire recours à un vétérinaire lorsque vous avez des difficultés avec ces maladies.

🇧🇮

Address

Cibitoke
Cibitoke

Telephone

+25769134964

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Mr Chicken Poultry Farm posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Share

Share on Facebook Share on Twitter Share on LinkedIn
Share on Pinterest Share on Reddit Share via Email
Share on WhatsApp Share on Instagram Share on Telegram