04/17/2026
😭Mbega kuhemukirwa nimiryango birabaho? Ngaba abantu vyashikiye Bible ivuga , igitangaza ninyigisho nziza cane bidusigira ♥️❤️ ntigucike,nyemba ukijijwe ukunda abandi basangize ubu butumwa nabo bubaremeshe .
🎥 Uzogabe mbere wishime: Iyo uhemukiwe n’abawe, Imana iraguhagurutsa
🔴 Nukuri
Hari igihe ububabare bukomeye cane butava hanze, ahubwo bukava mu muryango wawe nyene. Bibiliya iratwereka ko no mu bantu b’Imana, uguhemukirwa n’imiryango kwarabaye, ariko Imana ntiyigeze ibatererana.
1️⃣ Yozefu – Yahemukiwe n’abobivukana
📖 Itanguriro 37
Abavukana biwe baramwanka, baramugurisha nk’umuja.
👉 Ariko inyuma y’imyaka, Imana yaramudugije aba umuyobozi muri Egiputa.
🟢 Icigwa:
Ivyo bakugiriye bibi ntibishobora guhagarika umugambi w’Imana kuri wewe.
📖 Itanguriro 50:20
“Mwankoreye ikibi, ariko Imana yabigize ivyiza.”
2️⃣ Yesu Kristo – Ntibamwemera iwabo
📖 Yohana 7:5
Abavukana biwe ntibamwemera.
👉 Ariko ntiyacitse intege, yarakomeje umuhamagaro wiwe.
🟢 Icigwa:
Naho abo muvukanye batokwemera, Imana irakoresha ubuzima bwawe.
📖 Zaburi 118:22
“Ibuye abubatsi basuzuguye ni ryo ryahindutse irigumya infuruka.”
3️⃣ Dawidi – Yasuzuguwe n’abiwe
📖 1 Samweli 17:28
Umuvukanyi wiwe Eliyabu yaramusuzuguye.
👉 Ariko Imana yamudugije aba umwami.
🟢 Icigwa:
Ivyo abantu bakuvugako si vyo bigena ico uzoba.
✨ Ubutumwa bwo guhumuriza
Niwaba wahemukiwe n’umuryango, ntuhave wiyanka, ntuhave wanka Imana.
👉 Imana ikoresha ibikomere vyawe nk’ikiraro c’intsinzi yawe.
📖 Zaburi 27:10
“Naho data na mama bonta, Uhoraho azonyitorera.”
🔔 Mugenzi nabagira umwete wogu kwiragiza film zibiterasoni barabikora
Niwumva ubu butumwa bugukuyeko umutwaro,canke hari mugenzawe vyofasha:
❤️ Like
🔄 Share n’abandi bahemukiwe babonereho
✍️ Comment: “Imana Imana infiseko Imigambi mwiza”
📌 Imana irashobora guhindura uguhemukirwa kwawe kuba umugisha wawe.
Ndakurahiye niwiyubahira Imana , ako gaturubiko (kabagutunze ,abavukanyi,abagenzi, imiryango,incuti,abo mwigana,....) niho uzobera uwudasanzwe we niwizere Imana gusa Imigambi yayo niyamahoro kuri Wewe. Nvugira , uratuntuye ndabizi , bishoboka ko banakwirukanye abagutunze , bishoboka kuri mucumba urira , bishoboka kuriko ufatwa nabi, nanje ndababaye kubwawe ariko, ndakwingize ntucikintege , izere Imana ntizoguhemukira iracagukunda , muruyumwaka wa 2026 nawe ukubere uwumugisha mwizina rya yesu
Yari Ernest Ham Chef nutritionniste diététicien ♥️ Love you ❤️ +257 76 37 04 95 call and wtsp