01/03/2026
❤️Imfungurwa z'umumama afise inda kuva kumusi 1 gushika yibarutse❤️ ni Ham Chef nutritionniste diététicien ,Muzonshimira munyuma ♥️
1️⃣ Kuva ku kwezi kwa 1–3 (Trimestre ya mbere)
👉 Iki gihe ni co gikomeye ,gihambaye cane kuko umwana niho ibi bihimba bikomeye bitangura kwubakwa (ubwonko, umutima, imitsi).
🍎 Ivyo afungura
Imboga z’icatsi kibisi (isogi(cane), courgettes, epinari (cane),..) → zifise folic acid (ikingira umwana ubumuga)
Ibiharage, lens, pois chiches
Amagi yatetse neza
Ivyamwa: imicungwe, amapera, amapapayi, ivoka (cane cane urubuto rwayo)
Amata n’ibiyakomokamwo (yogourt, fromage yatetse)
Amafi mato (Indagara) zitetse neza
🚫 Ivyo yirinda
❌ Inzoga → zishobora kwonona ubwonko bw’umwana
❌ Ivyokurya bidatetse neza canke bibisi (amagi mabisi, inyama zidatetse nimbi cane nka prochette) → indwara zishobora gushika ku mwana zitewe navyo
❌ Ibinure vyinshi cane navyo nibibi kandi cane
❌ Ikawa nyinshi → ishobora gutuma inda ivamwo
---
2️⃣ Kuva ku kwezi kwa 4–6 (Trimestre ya kabiri)
👉 Umwana atangura gukura neza, amagufa n’amaraso bikenera kwiyongera.
🍽️ Ivyo afungura
Ibiribwa vyubaka amaraso:
ibiharage
inyama zitukura zatetse neza
amagi
imboga z’icatsi
Calcium:
amata
fromage
amafi arimwo amagufa mato (twavuye kundagara)
Ibinyantete bidatonoye (umuceri utari rafine (karya gashishwa kinyuma kakiriko, umutsima w’ifu itafpuye (farine intégrale)
🚫 Ivyo yirinda
❌ Umunyu mwinshi cane → wotuma umuvuduko w’amaraso uduga
❌ Isukari nyinshi → wotuma arwara diabète yo mu nda (bayita diabète de la grossesse)
❌ Ibiribwa vy’amavuta menshi cane(ifiriti,amagato,ibitumbura,..) → bituma umubiri uremagura cane
---
3️⃣ Kuva ku kwezi kwa 7–9 (Trimestre ya gatatu)
👉 Umwana abariko akura ibihimba vyose yitegura Kandi kuvuka , ibiro biriyongera cane.
🍛 Ivyo afungura
Ivyo vyubaka umubiri (protéines):
inyama
amagi
amafi
ibiharage
Imbuto n’imboga nyinshi → gufasha estomac gukora neza
Amazi menshi → kwirinda constipation n’ukuvura kw’amaraso
Infungurwa zirimwo fer (iron)zifungure kubwinshi hatabuzemwo :urubuto rwivoka,hamwe nibumba rya vert ata mutima agwaye habemwo nigisuru (mugu ranforca iyo fere→ kwirinda kubura amaraso mu gihe co kwibaruka
🚫 Ivyo yirinda
❌ Ibiribwa bikomeye cane muri estomac (ibiharage bidatetse neza, ibintu bishushe cane ,ipapayi idahiye)
❌ Ibiribwa bitera kuribwa muri estomac (ibihimba, piments nyinshi)
❌ Ivyokurya vyinshi mw’ijoro → bituma adasinzira neza
---
📝 Rero vyiza:
✅ Fungura gatatu ku munsi + utwo gufungura duke (collations)
✅ Fungura ivy’amoko atandukanye
✅ Isuku y’ibifungurwa ni ngirakamaro cane
✅ Niba hari ikimubabaza (guciragura cane, kubabara), yiture muganga cane cane umu nutritionniste.
‼️🤣Uti None ga ham Nutritionniste, nawe ko washizemwo (inyama,amata yinka...) Kandi utahora ubikunda uti ntawokoresha amata ya soja ?? Nkundira mbereke impanvu.
🥛 Amata y’inka nimeza mwiki gihe igihe atari umu vegetarian canke umubiri nguyanke (birakunda Kuba) ati Ernest ham kuki?
✅ Ivyiza
Afise calcium nyinshi → yubaka amagufa y’umwana
Afise protéines nziza iza → gufasha umwana gukura
Afise vitamine B12 → irinda kubura amaraso n’ingorane z’ubwonko
Afise iode → ifasha ubwonko bw’umwana
⚠️ Ivyo yokwitwararika
Niba atayashobora (intolerance au lactose) → arashobora kuribwa muri estomac, canke agaciragura
Niba atari pasteurisée → rishobora gutera indwara
---
🌱 Amata y’isoya ga Ernest Ham Nutritionniste twoyasubiriza amata y'inka? Ivyamata yisoya kuwufise inda bimeze kuno:
✅ Ivyiza
Meza kuba végétarien
Afise protéines végétal
Ntarimwo cholesterol mbi
Aroroha muri estomac ku bantu benshi bavomissa cane
⚠️ Ivyo yokwitwararika kuwuyakoresheje
Ntafise vitamine B12 yayo (kiretse yongewemwo)
Calcium ishobora kuba nkeya iyo itongewemwo
Ntifise iode karemano
Nyiba anyoye menshi cane → ishobora kubangamira fer (iron absorption)
👉 Rero ni meza iyo yongewe calcium na vitamine B12 .
🕒 Ingene anyobwa neza
1–2 ibirahure ku munsi birahagije
Ntayanywe hafi y’igihe afunguriye ibifise fer
Anywe ayadakonje cane
Ntanywe menshi icarimwe
---
⚠️ Inama ikomeye
Niba ari végétarien, arakwiye: 👉 gufata vitamine B12 (supplement) abisabwe n’umu nutritionniste
👉 no gukurikirana amaraso (fer & hémoglobine)
Murakoze yari Ernest Ham Chef nutritionniste diététicien, ndazi Muzonshimira munyuma
👌👌🫵🫵 Ariko nyishura muri commentaire icuhitamwo abarico nokurikizako kubigisha hagati yibi 4 ico mutora cane muri commentaire nico co guherako .
1) kwivura ningaburo ikwiye kumu diabétiques
2) imfungurwa zumwana kuva 6mois kugera kuri 5ans
3) Uburyo bwo kwivura estomac nimfungurwa
4) ingene umwigeme canke umu mama yivuza imfungurwa igihe agiye mubutinyanka (mukwezi) ababara cane canke bikamara iminsi myinshi , canke atakijayo .
‼️Ibyo bine ushobora kwandika muri commentaire igiharuro 1 canke 2 canke ikindi , kugira numéro itorwa gusumba izindi abariyo duherako kubigisha Muzonshimira munyuma .
❤️Ukaba utarafyonda abonné bikore ugume ubona inyigisho zacu zose
❤️ Sangiza bagenzawe ukunda 3 ino nkuru nziza.
Love you ❤️ ❤️.