Gira amagara meza ukoresheje umuti w'ikirundi

  • Home
  • Gira amagara meza ukoresheje umuti w'ikirundi

Gira amagara meza ukoresheje umuti w'ikirundi Twigishanya kwivura no kwikingira ingwara zitandukanye dukoresheje ibimera.

Inzira  Yoroshe yo Kwongereza  Intanga ku Bagabo,...Ku bagabo bafise ikibazo c'intanga nke, canke zidakomeye, canke zida...
24/08/2025

Inzira Yoroshe yo Kwongereza Intanga ku Bagabo,...

Ku bagabo bafise ikibazo c'intanga nke, canke zidakomeye, canke zidafise inguvu, abo vyanse ko batera inda , ubu butumwa ni rwabo,...

Ufata amababi y'ipera arya akiri matoto, hanyuma ukayateka mu mazi bikabira,

Hanyuma ukaza uranywa igikombe incuro zibiri ku musi mu kiringo c'imisi indwi.

Ariko rero bisaba mwiyo misi indwi wipfunge uyimare utaranguye amavanga y'abubatse.

Igihe ushaka koko gutera inda, biba vyiza utanguye kuwufata igihe umugore wawe avuye mu butinyanka.

B. Uko Witegurira Umuti Mu Gihe Ufise Ikibazo C'Intanga Nke.

Niba waripimishije ugasanga nawe ufise ikibazo c'intanganke, iki nico gisubizo ,soma ubu butumwa bwose hama ugundure ico utari u*i.

Reka duhere ku bifungurwa wokwibandako imbere yuko tuvuga umuti wotegura.

1. Ibiyobe n'ibiri mumugwi w'ibiyobe vyose. Ibiyoba ntivyongera intanga gusa ahubwo biranatuma zikomera bigatuma umugabo atera inda ndetse hakavuka n'umwana atagira ubusembwe.

2.Amagi.
Amagi nayo nyene arafasha kwongera urugero rw'intanga ndetse arimwo na vitamine E (vit E) n'icunyunyu ca zinc bifasha intanga kugenda neza.

3. Imihwi,
Nyo irimwo vit B1 na C hamwe n'icunyunyu ca Magnesium, bifasha cane mw'ihingurwa ry'intanga ngabo.

Ibindi wokwitwararika n'ibiharage navyo nyene ni vyiza. Hamwe n'ifi cane cane zirya sardine kuko zirimwo Omega 3 na Omega 4, abahinga mu vy'amgara y'abantu bashishikariza abagabo bafise ico kibazo.

Hama umuti wokwitegurira woroshe ;*

* Ufata amababi y'ipera ukayatekana na tangawizi hamwe n'akaziraruguma maze mukaza muranywa mwese. Uyu muti ufasha abagabo bafise ikibazo c'intanga nke, izirimwo infection, iz'amazimazi,etc. Ku bagore naho uvura infection, ugafasha ku kibazo c'amagi(ovule) adasha n'ibindi. Uyu muti ufasha vyinshi harimwo ivyo kurangiza vuba, kutagira ubushake, ibibazo vyo munda, etc. Gusa urakaze ariko wagiye urafasha abagabo benshi, hari nuwo wafashije guheba akagesho ko kwisambanya.

* Uwundi nawo, ufata ibiyoba, canke inzu*i( imbuto z'imyungu). Ugasya agafu kavyo kakaba ariko uza urashira muri jus, ikiyiko kimwe canke kirenga c'iyo fu, hama ukaza uranywa mu gatondo, ku mutaga be no ku mugoroba. Ushobora kudakoresha jus, ugashira mu mboga zitetse, canke mu biryo vyoroshe,

Kandi utangura kuwufata guhera umugore wawe avuye mu bihe vyiwe, hama ugaca urindira indwi igahera uwufata, ariko ntiwigera ukora amabanga y'abubatse murico kiringo uriko ufata uwo muti, hama ku musi ugira umunani akaba ariho ukora ico gikorwa.

Hari amakosa abagabo bakunze gukora ugasanga amabanga y'abubatse babigize nka paracetamol ngo niho atera inda,(donc akabikora mu gatondo, ku mutaga no ku mugoroba, )

Ubikoze umwanya ku mwanya bituma haza intanga zitarakomera, bikabanya amahirwe yo gutera kuko intanga ziba zitarakomera. Urashobora no kuza urasibiriza.

Ikindi naco nokwongerako umuntu yokwitwararika,
Bivanye n'uko tugenda turiga ibitandukanye aha na hariya, witwararike mwico kiringo ntukoreshe imbuto z'igipapayi,

Kuko hariho ubushakashatsi bumwe buvugako iyo ukoresheje ifu y'imbuto z'igipapayi bishobora kugukingira gutera inda mu kiringo runaka.

Rero ngaho bishobora kwinjiriramwo na cane cane ko harimwo abasanzwe bazikoresha mukwivura no mu kwikingira ingwara zitandukanye.

Ku ba dame namwe igihe ushaka gusama, kirazira guca unywa amazi ubwo nyene uhejeje kurangura wmabanga y'abubatse kuko ubwo buryo hariho ababukoresha mu gutandukanya imvyaro, nawe rero urashobora kwisanga uriko urikingira kandi ushaka ikibondo.

Bonus: nta muti canke ifunguro runaka wonyene uzogufasha kugukiza cane cane dufatiye ku bu*ima bw'ibihimba vy'irondoka, dufate nkubu tukurangiye umuti runaka kuburyo uwufashe wonyene uce wumva vyagenze neza nk'amabangq y'abubatse ngo ace agenda neza.

Ubu*ima bufatiye ku bihimba vy'irondoka buhagaze ku bintu vyishi cane, harimwo gufungura ibibereye, gusinzira bikwiye,kwirinda ama stress , kugabanya inzoga, gukora aga sport no kuja kwa muganga ukaza urakurikirana amagara yawe kenshi kugira umenye uko ubu*ima bwawe muri rusangi buhagaze,etc

Bivanye n'ugufatirwa kwa cane ubu sinkicisha inyigisho aha kuriyi page ya facebook gusa ubaye ukeneye kwama ukurikirana inyigisho zacu hafi na hafi, turafise chaïne ya whatsapp dusigaye ducishako ivyigwa vyacu umwanya ku mwanya.

Fyonda aha kw'iyo link kugira nawe uce utangura kudukukirana kuriyo Chaïne yacu ya whatsapp: https://whatsapp.com/channel/0029VaiG10BDOQISAEO2U22K

Mubandanye mugira ibihe vyiza.

Ihangiro ryacu ni
✍️ Kumenya kwivura no kwikingira ingwara zitandukanye dukoresheje ibimera

Urahawe ikaze muri groupe ya whatsapp aho twigishiriza inyigisho zijanye n' ingwara zifatira mu bihimba vyirondoka ku gi...
11/07/2025

Urahawe ikaze muri groupe ya whatsapp aho twigishiriza inyigisho zijanye n' ingwara zifatira mu bihimba vyirondoka ku gitsina gore,....

Ubufasha bwacu bushingiye ku bibazo bikurikira nko:
●kudasama,
● infection urinaire,
● infection vaginale,
● Ibivyimba vyo mu gitereko,
● ama trompe ku*iba canke kwuzura amazi,
● kutagira ubushake mu mabanga yabubatse,
● mu gitsina kwumarara,
● n'bindi bitandukanye,...

Ufise akabazo ushobora kutwandikira kuri whatsapp: +255 686 468 665

Kwinjira muri groupe fyonda aha kwiyi link : https://chat.whatsapp.com/H9RGYHeHboI60995njtdAp

27/06/2025

Ubwoko Butandukanye Bw' imiti Ukoresha Wivura Infections Vaginales na Urinaires,...

Hari itandukaniro rinini cane hagati ya infections vaginales( P.I.D) na infections urinaires ( U.T.I),...

Infection urinaire ni ubwandu bufatira mu nzira zicamwo umwanda muto,...

Ibimenyetso

✍️. Kwumva urushe no kwiyumva nabi,
✍️. Gusoba bikugoye ndetse ugasanga uranahatiriza,
✍️. Kubabara igihe uriko urasoba,
✍️. Gusoba amasobwa make maze ukabikora umwanya ku mwanya,
✍️. Gusoba amasobwa anuka cane,
✍️. Amasobwa kuza afise irangi ritandukanye nk' akarorero ugasanga ashaka gutukura,
✍️. Gusesemwa canke kudahwa,
✍️. Kubabara munda,
✍️. Urashibora no kwaka umuriro,
✍️etc,

Ariko Infections vaginales yo ni ubwandu bufatira munzira y'irondoka,

Ibimenyetso vyayo,
✍️. Kubabara musi y'umukondo umwanya ku mwanya,
✍️. Kubabara umugongo, mu kibuno no mu kayunguyungu,
✍️. Kubona ubucafu bumeze nk'amata yavuze, ugasanga vyera, bisa n'umuhondo, canke bisa n'urwatsi rubisi ndetse hari naho biza binuka,
✍️. Kugira akamoto kabi mu bihimba vyirondoka,
✍️. Gusasatwa mugitsina mu nzira yagenewe irondoka,
✍️. Kubabara mu gihe c'amabanga y'abubatse,
✍️. Etc

Ndibaza naho twogeza hano urashobora kubona ishusho nyayo n'itandukaniro rihari hagati ya infections vaginales na infections urinaires.

Ni gute rero wozivura?

1. Infections urinaires

• Guteka icanda ukaza uranywa amazi waritetsemwo, navyo nyene biravura infection urinaire

• Guteka imishatsi y'ikigori ukaza uranywa nayo nyene iravura ainfection urinaire,

• Gufata amababi y'ipera ugaca ufata indimu n'ibishishwa vyayo ugaca ubitekana n'ayo mababi y'ipera , vyose biravura infections urinaires,

•etc

2. Infections vaginales

Akenshi umuti uvura infections vaginales usanga uvura na infections urinaires,

Turabire hamwe imiti ivura infections vaginales na infections urinaires zose hamwe,

• Guteka umucayicayi uhiye ugaca ukanyiramwo indimu ukaza uranywa, navyo nyene vyose biravura infections vaginales na urinaires

• Guteka akaziraruguma maze ukaza uranywa amazi wagatetsemwo, bivura infections urinaires na vaginales

• guteka amababi y'umuravumba ukaza uranywa amazi wawutetsemwo( MN: uteka amababi make cane ndetse ukaza uranywa igice ca karya gakombe gato kuko urakaze cane)

• Ukundi kuntu wivura infections vaginales, urinaires, na barya haza ibintu vyera,...

Ufata indimu 2 zitozito, Udutete 3 twa tungurusumu n'agapande k'ikinzari. Uca ubironga neza vyose ugaca ubikatagura mu dupande duto duto kandi indimu u*ikekana n'ibishishwa, ugaca ubiteka mu gice c'iritiro y'amazi. Bibize uca ubikurako bigahora ugaca rero ubimimina ugaca uwunywa. Ubikora nka gatatu mundwi. Uyu muti wowo uranavura amafyigo, igitigu,...

Muriyo miti yose twavuze aho hejuru kirazira kuyifata wibungenze; ubaye wibungenze,

• Ukaba ugwaye infections vaginales uteka ikinzari maze ukaza uranywa amazi wagitetsemwo,

• Kuri infections urinaires nayo uteka umucayicayi wonyene maze ukaza uranywa amazi wawutetsemwo.

Hari imiti myishi ivuga kuri infections ndetse myishi twaragiye turayigisha, nshimye kubagirira iyi liste ya mikeya kugira ngo uyigerageze uyibona hafi.

Urashobora rero gufata umuti umwe muriyo ntibigende neza, ariko naho yoba yaragusesereje gute, ntucike intege imiti irahari, uzokira ikibi ni gutereranq burundu ugaheba kuko ingaruka za infections nimbi cane twarabibonye mu nyigisho zatanguriye, ariko kandi twibuke kwikingira , kuko kwivuza biravuna cane.

Hagati aho nagira ndabahamagarire mwebwe mutaragura ca gitabu, nukuri murahomba, izi nyigisho zose mubona ndabaha zirimwo kuko mukucandika twaracitondeye cane dufatiye ku bibazo vyinshi mukunda kubaza . Abatarakigura muriko murahomba vyinshi.

Ndabibutseko abanyandikira ari benshi cane ku buryo ntobamara kandi ndanaruha cane , hari benshi muri mwebwe ntarishura ariko si jewe nuko ntobishobora ndumwe. Umuhinga rero nuwuca yiyegereza izo nyishu ziba ziri murico gitabu maze vyose akavyisomera.

Inkuru itari nziza nuko naba bake nahora nishura bigiye kugabanuka kuko hari ivyo ngomba kujamwo mu minsi iza bizotuma ntaronka umwanya ukwiye wo kwishura message zanyu, ariko kandi si nkurumbi kuko uwuzoba akeneye ubufasha bwacu vyose twabishize murako gatabu.

Mu kwizihiza hamwe n'abandi umusi mu kuru wo kwikukira kw'igihugu cacu,

Guhera ku musi wa kabiri itariki 1/7/2025 kugeza ku wa Mungu itariki 6/7/2025 tuzoba dufise iyindi promotion ya ca gitabu, mube muritegura ntize ibacike.

Mubandanye rero mugira ibihe Umukama abahezagire, abagwaye namwe abakize.

Ihangiro ryacu ni
✍️. Kumenya kwivura no kwikingira Ingwara zitandukanye dukoresheje ibimera

Harico ubaza twandikire inbox uciye kuriyi numero yacu wa.me/25765622246

Ushobora kuza uraronka nkenizi nyigisho zacu za buri musi mu kudukurikirana kuriyi page yacu canke kuri whatsapp mu gufy...
11/06/2025

Ushobora kuza uraronka nkenizi nyigisho zacu za buri musi mu kudukurikirana kuriyi page yacu canke kuri whatsapp mu gufyonda aha: wa.me/25765622246

Ntiwibagire suivre na partager kugira ngo ntihagire inyigisho nimwe izohora igucika.

Uko Wivura Amaso Ukoresheje Tungurusumu, Clou de Girofle n' Ibungo,...Ufata ikimanyu c'ibungo(marakuja, mu giswahili nah...
15/03/2025

Uko Wivura Amaso Ukoresheje Tungurusumu, Clou de Girofle n' Ibungo,...

Ufata ikimanyu c'ibungo(marakuja, mu giswahili naho baryita pasheni), ugaca ushiramwo udutete dutatu twa tungurusumu wabanje kudutonora, ugaca ushiramwo n'udutete twa clou de girofle twuzuye akayiko maze vyose ugaca ubiteka mu mazi angana na ml 300, ugaca ucanira bikabira neza,....
.....,bibize uca ubikurako hanyuma rero bihoze ugaca unywa wose. Uwu muti uwufata kabiri ku musi mu kiringo c'indwi zibiri.

Uyu muti rero uravura ibibazo vyose vy'amaso, nka za myopie, kutabona neza,cataract n'ibindi.

Mubandanye mugira ibihe vyiza, ndindiriye intahe nziza zanyu mu ndwi zibiri gusa ku bazoba babishize mu ngiro.

Ihangiro ryacu ni,
✍️. Kumenya kwivura no kwikingira ingwara zitandukanye dukoresheje ibimera

Harico ubaza twandikire kuri whastapp mu gufyonda aha: wa.me/25765622246

Injira muri groupe kugira ubandanye uronka izi nyigisho :
https://chat.whatsapp.com/HOBRT08uCUH16T94zcaLTN

Address


Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Gira amagara meza ukoresheje umuti w'ikirundi posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Practice

Send a message to Gira amagara meza ukoresheje umuti w'ikirundi:

  • Want your practice to be the top-listed Clinic?

Share

Share on Facebook Share on Twitter Share on LinkedIn
Share on Pinterest Share on Reddit Share via Email
Share on WhatsApp Share on Instagram Share on Telegram