
24/08/2025
Inzira Yoroshe yo Kwongereza Intanga ku Bagabo,...
Ku bagabo bafise ikibazo c'intanga nke, canke zidakomeye, canke zidafise inguvu, abo vyanse ko batera inda , ubu butumwa ni rwabo,...
Ufata amababi y'ipera arya akiri matoto, hanyuma ukayateka mu mazi bikabira,
Hanyuma ukaza uranywa igikombe incuro zibiri ku musi mu kiringo c'imisi indwi.
Ariko rero bisaba mwiyo misi indwi wipfunge uyimare utaranguye amavanga y'abubatse.
Igihe ushaka koko gutera inda, biba vyiza utanguye kuwufata igihe umugore wawe avuye mu butinyanka.
B. Uko Witegurira Umuti Mu Gihe Ufise Ikibazo C'Intanga Nke.
Niba waripimishije ugasanga nawe ufise ikibazo c'intanganke, iki nico gisubizo ,soma ubu butumwa bwose hama ugundure ico utari u*i.
Reka duhere ku bifungurwa wokwibandako imbere yuko tuvuga umuti wotegura.
1. Ibiyobe n'ibiri mumugwi w'ibiyobe vyose. Ibiyoba ntivyongera intanga gusa ahubwo biranatuma zikomera bigatuma umugabo atera inda ndetse hakavuka n'umwana atagira ubusembwe.
2.Amagi.
Amagi nayo nyene arafasha kwongera urugero rw'intanga ndetse arimwo na vitamine E (vit E) n'icunyunyu ca zinc bifasha intanga kugenda neza.
3. Imihwi,
Nyo irimwo vit B1 na C hamwe n'icunyunyu ca Magnesium, bifasha cane mw'ihingurwa ry'intanga ngabo.
Ibindi wokwitwararika n'ibiharage navyo nyene ni vyiza. Hamwe n'ifi cane cane zirya sardine kuko zirimwo Omega 3 na Omega 4, abahinga mu vy'amgara y'abantu bashishikariza abagabo bafise ico kibazo.
Hama umuti wokwitegurira woroshe ;*
* Ufata amababi y'ipera ukayatekana na tangawizi hamwe n'akaziraruguma maze mukaza muranywa mwese. Uyu muti ufasha abagabo bafise ikibazo c'intanga nke, izirimwo infection, iz'amazimazi,etc. Ku bagore naho uvura infection, ugafasha ku kibazo c'amagi(ovule) adasha n'ibindi. Uyu muti ufasha vyinshi harimwo ivyo kurangiza vuba, kutagira ubushake, ibibazo vyo munda, etc. Gusa urakaze ariko wagiye urafasha abagabo benshi, hari nuwo wafashije guheba akagesho ko kwisambanya.
* Uwundi nawo, ufata ibiyoba, canke inzu*i( imbuto z'imyungu). Ugasya agafu kavyo kakaba ariko uza urashira muri jus, ikiyiko kimwe canke kirenga c'iyo fu, hama ukaza uranywa mu gatondo, ku mutaga be no ku mugoroba. Ushobora kudakoresha jus, ugashira mu mboga zitetse, canke mu biryo vyoroshe,
Kandi utangura kuwufata guhera umugore wawe avuye mu bihe vyiwe, hama ugaca urindira indwi igahera uwufata, ariko ntiwigera ukora amabanga y'abubatse murico kiringo uriko ufata uwo muti, hama ku musi ugira umunani akaba ariho ukora ico gikorwa.
Hari amakosa abagabo bakunze gukora ugasanga amabanga y'abubatse babigize nka paracetamol ngo niho atera inda,(donc akabikora mu gatondo, ku mutaga no ku mugoroba, )
Ubikoze umwanya ku mwanya bituma haza intanga zitarakomera, bikabanya amahirwe yo gutera kuko intanga ziba zitarakomera. Urashobora no kuza urasibiriza.
Ikindi naco nokwongerako umuntu yokwitwararika,
Bivanye n'uko tugenda turiga ibitandukanye aha na hariya, witwararike mwico kiringo ntukoreshe imbuto z'igipapayi,
Kuko hariho ubushakashatsi bumwe buvugako iyo ukoresheje ifu y'imbuto z'igipapayi bishobora kugukingira gutera inda mu kiringo runaka.
Rero ngaho bishobora kwinjiriramwo na cane cane ko harimwo abasanzwe bazikoresha mukwivura no mu kwikingira ingwara zitandukanye.
Ku ba dame namwe igihe ushaka gusama, kirazira guca unywa amazi ubwo nyene uhejeje kurangura wmabanga y'abubatse kuko ubwo buryo hariho ababukoresha mu gutandukanya imvyaro, nawe rero urashobora kwisanga uriko urikingira kandi ushaka ikibondo.
Bonus: nta muti canke ifunguro runaka wonyene uzogufasha kugukiza cane cane dufatiye ku bu*ima bw'ibihimba vy'irondoka, dufate nkubu tukurangiye umuti runaka kuburyo uwufashe wonyene uce wumva vyagenze neza nk'amabangq y'abubatse ngo ace agenda neza.
Ubu*ima bufatiye ku bihimba vy'irondoka buhagaze ku bintu vyishi cane, harimwo gufungura ibibereye, gusinzira bikwiye,kwirinda ama stress , kugabanya inzoga, gukora aga sport no kuja kwa muganga ukaza urakurikirana amagara yawe kenshi kugira umenye uko ubu*ima bwawe muri rusangi buhagaze,etc
Bivanye n'ugufatirwa kwa cane ubu sinkicisha inyigisho aha kuriyi page ya facebook gusa ubaye ukeneye kwama ukurikirana inyigisho zacu hafi na hafi, turafise chaïne ya whatsapp dusigaye ducishako ivyigwa vyacu umwanya ku mwanya.
Fyonda aha kw'iyo link kugira nawe uce utangura kudukukirana kuriyo Chaïne yacu ya whatsapp: https://whatsapp.com/channel/0029VaiG10BDOQISAEO2U22K
Mubandanye mugira ibihe vyiza.
Ihangiro ryacu ni
✍️ Kumenya kwivura no kwikingira ingwara zitandukanye dukoresheje ibimera