Irondoka n' amagara Meza

  • Home
  • Irondoka n' amagara Meza

Irondoka n' amagara Meza Twigishanya kwivura no kwikingira ingwara zitandukanye dukoresheje ibimera.

Ivyo kwirinda nivyo wokora kugira ukire  igihe ugwaye umushish*to( estomac),...Kwivura umushish*to ntibisabwa gukoresha ...
28/12/2025

Ivyo kwirinda nivyo wokora kugira ukire igihe ugwaye umushish*to( estomac),...

Kwivura umushish*to ntibisabwa gukoresha imiti gusa, uko tubayeho n'ivyo dufungura nivyo bidufasha gukira canke aho gukira bikunyuka, ntuze utangare rero ubonye ufata imiti ukabona umenga wakize ariko inyuma y'igihe gito ikongera ikagaruka.

Ivyo kwirinda

1. Amata: amata aboneka nk'umuti na cane cane ko abenshi iyo bagwaye estomac bayifashisha bayafata bakaronka ka mitende kubera ko agabanya acide mu kanya gato, ariko inyuma y'igihe gito ama proteine, amavuta n'ivyunyunyu vya calcium biba biri murayo mata bituma munda haca hakorwa iyindi acide nyinshi incuro zibiri kuyarihari mbere n'ububabare bugaca bugaruka kurusha ubwari buhasanzwe.

2. Imiti imwimwe yo mu mapharmacie irashobora gutuma ikibazo ciyongera na cane cane iyo ukunda kuyifata ari myinshi ndetse ukayifata utarafungura,

3. Ibifungurwa n'ibinyobwa bikanye cane canke bishushe cane ,amazi akanye cane canke icayi gishushe cane bituma ibimenyetso vya estomac bikomeza kwiyongera. Ibifungurwa canke ibinyobwa bishushe cane navyo biraturira munda maze bikabangamira umushish*to mu gihe ubukonje bwinshi nabwo buhatera kubabara.

4. Gufungura mw'ijoro cane. Hari abantu benshi usanga babara cane munda mw'ijoro canke bakagira ikirungurira , intango ya vyose ni gufungura guhera n'inyuma ya sa tatu z'ijoro imbere y'uko uja kuryama, ibi navyo bituma hakorwa acide mw'ijoro maze bigatuma wumva ubabara canke ufise ikirungurira mw'ijoro mu gicugu.

5. Ibifungurwa birimwo amavuta menshi kuko bigora umushish*to kubisya maze bigatera umubiri gukora acide nyinshi irenze urugero maze ikabandanya ica mudusebe tuba turi muri estomac maze bigatera kuribwa.

6. Ibifungurwa birimwo agapiripiri n'ibirungo vyinshi. Ibifungurwa birmwo ibirungo vyinshi canke agapiripiri kenshi iyo bikoze mu dusebe turi muri estomac bituma umuriro wakamaze bigatera ububabare bukabije.

7. Ivyamwa birimwo acide nyinshi Ivyamwa nk'indimu, imicungwe naho ivyo vyamwa ari vyiza ku magara y'umuntu na cane cane ko vyongereza ubwirinzi bw'umubiri, igihe ugwaye estomac si vyiza kuko vyongereza acide mu mubiri maze bigatuma estomac ikuvyuka.

8. Kunywa inzoga canke itabi,Vyose uko ari bibiri bigabanya ubwirinzi bw'umushish*to maze bikagabanya ubushobozi bwo kuyikira vyihuse,

9. Ibinyobwa birimwo isukari na gaz.Karya kagaz kavuga igihe upfunduruye gatuma igihe unyoye ico kinyobwa munda haguma huzuye maze bikakuviramwo kwumva munda hadatekanye maze udusebe munda tukabandanya twiyongera.

Ivyo rero ushobora gutegura nk'umuti igihe ushaka kwivura umushish*to (estomac),...

Ufata igice ca karya kayiko gatoya k'ifu y'ikinzari (1/2),
Ica kane ca karya kayiko gatoya k'ifu ya tangawizi(1/4),
Ugasya nintete zibiri za clou de girofle zikaba agafu,

Uca ushiramwo amazi angana n'igikombe kimwe kirya gito ugashusha nk'iminota 2 gusa, ugaca ubikurako ukamimina,

Uca ushiramwo akayiko gato k'ubuki ukavanga, hanyuma ukawunywa mu gatondo ata kintu na kimwe urafungura, ubikora imisi 20 canke ukwezi.

Uyu muti uvura ibibazo bitandukanye vy'ihumekero nja hasima n'ibindi ndetse n'ibijanye n'igogora.

Imana ikomeze kubana namwe

Ihangiro ryacu ni,
Kumenya kwivura no kwikingira ingwara zitandukanye dukoresheje ibimera

Ntimwibagire subscribes na partage kuri chaîne yacu ya youtube aho hari n'izindi nyigisho nyinshi nk'izi zigufasha ku ngwara zitandukanye muciye kuriyi link:

https://youtu.be/48pX7M85Er8?si=kLoCEK-9naBdA2b9

21/12/2025

Ehe Icigwa Kiramvuye ku Kaziraruguma, Ingwara Kavura n'uko Gakoreshwa n'ivyo Kwitonderwa Igihe Uriko Uragafata.

Ntiwibagire ariko abonnemet no kubisangazi abandi na cane cane ko ari umuti uhambaye, uvura ama infections, kari mu miti yambere ifasha umuntu gusama, igitigu n'izindi ngwara nyinshi.

Icigwa cose kiri kuri youtube, mu kukuraba fyonda aha kwiyi link: https://youtu.be/W6XS_vJIBXU?si=X3JlBsahJcopa0cj

21/12/2025

I got over 400 reactions on one of my posts last week! Thanks everyone for your support! 🎉

Umukama akomeze kwihesha icubahiro ku baremerewe, burya kumara imyaka 5 si mike wubatse utararonka ikibondo navyo biratu...
10/12/2025

Umukama akomeze kwihesha icubahiro ku baremerewe, burya kumara imyaka 5 si mike wubatse utararonka ikibondo navyo biratuntuza umutima 🙏

Simbira nawe kuri youtube urabe umuti abandi bariko barakoresha ukabavura ishano uciye kuriyi link: https://youtu.be/VfJn-fUhzTk?si=x675MoX-OSEGQbbC

Akandi Kantu Utari u*i Kokugufasha Gusama,...Uri umugore canke umwigeme ariko ufise impungenge zijanye no gusama,  Canke...
08/12/2025

Akandi Kantu Utari u*i Kokugufasha Gusama,...

Uri umugore canke umwigeme ariko ufise impungenge zijanye no gusama, Canke zijanye n'ama hormones, Canke ndetse ugasanga ufise akagorane mu gihe c'ubutinyanka nko kuza ibinyamanyama, kubabara, kuza uturaso duke,...

Fata urusera uruteke hanyuma bibize uce ubimimina hanyuma uze uranywa agakombe mu gatondo no ku mugoroba guhera umusi ugiriye mu butinyanka kugeza ku misi itanu. Hari abantu mukunze guca mubaza ko atakindi kintu ushiramwo, inyishu ni oya uwunywa uko nyene ata kintu uvanze.

Urusera rurasukura ibihimba vyawe vy'irondoka be n'igitereko, ndetse n'utubazo twose dutandukanye dukunze kubuza umuntu gusama. Rurasukura neza no gutuma ama hormones akora akaja ku murongo ku rugero rushimishije. Ariko kandi ivyose tubikore tubihereza Imana kuko niyo ikiza ikongera igatanga n'ibibondo.

Mubdanye rero guhezagirwa.

Ihangiro ryacu ni
✍️.Kumenya kwivura no kwikingira ingwara zitandukanye dukoresheje ibimera.

Tubandanye rero twiga n'ibindi vyo kudufasha duciye kuriyi link: https://youtu.be/48pX7M85Er8?si=kLoCEK-9naBdA2b9

😂😂😂😂😂😂😂😂 jewe mbere  amajambo numva yamperanye, gusa Imana ininahazwe mw'ijuuru.🙏🙏🙏🙏🙏🙏🙏🙏🙏🙏🙏🙏🙏Ninde wundi yotubwira ico a...
08/12/2025

😂😂😂😂😂😂😂😂 jewe mbere amajambo numva yamperanye, gusa Imana ininahazwe mw'ijuuru.🙏🙏🙏🙏🙏🙏🙏🙏🙏🙏🙏🙏🙏

Ninde wundi yotubwira ico akenguruka ku nyigisho zacu🤷‍♂️🤓Nterwa iteka n'intege n'izi ntahe zanyu bigatuma nkora ivyo nshoboye kugira ngo ndabe ko hari n'abandi bogiriwa neza.

Mwe mukomeze kungirira subscribes na share Twiyigire vyinsi Imana nayo ikomeze guhezagira intambwe teateye.

Link ya youtube yacu nayo ngiyi: https://youtu.be/48pX7M85Er8?si=kLoCEK-9naBdA2b9

Burya n'ishano maryonyene twarariviriye hasi nimba atavyo ribona😂Hanyuma niba nawe ushaka kumenya uko utegurwa mu buryo ...
28/11/2025

Burya n'ishano maryonyene twarariviriye hasi nimba atavyo ribona😂

Hanyuma niba nawe ushaka kumenya uko utegurwa mu buryo bwimbitse simbira kuri youtube yacu wirabire urugeroz nuko ufatwa mu buryo buramvuye bwa video.
Uciyr aha kuriyi link: https://youtu.be/VfJn-fUhzTk?si=FhpKh-57hSu15UrC

Abishwa baratanguye kubonako umwaka ugira uduherane, baratanguye gusiganwa, n'abandi mube muriyegereza udu te**es ntawe ...
27/11/2025

Abishwa baratanguye kubonako umwaka ugira uduherane, baratanguye gusiganwa, n'abandi mube muriyegereza udu te**es ntawe uwu mwaka uzosiga uku😂🙏.

Mbandanya ndabibutsa gusimbira rero kuri youtube mugire subscribe kugira mubandanye mwiga niyindi miti mwokoresha mukwivura ingwara zitandukanye muciye aha kuriyi link: https://youtu.be/48pX7M85Er8?si=kLoCEK-9naBdA2b9

Ehe uburyo bworoshe cane bwo kwivura hemorroïde,...Iki cigwa twahisemwo kucigisha mu vuryo bwa video kugira ngo umuntu a...
23/11/2025

Ehe uburyo bworoshe cane bwo kwivura hemorroïde,...

Iki cigwa twahisemwo kucigisha mu vuryo bwa video kugira ngo umuntu ashobore gutahura neza.

Ariko kandi imbere yuko ukurikirana ico cigwa ubanze ugire subscribe, ubusangize n'abandi ndetse unatubwire uko wasanze ico cigwa.

Simbira rero kuri youtube yacu urabe uko uyivura mu gufyonda aha: https://youtu.be/zO_5Z0-2fno?si=PSlQo81iy5Y92M1i

Uburyo Bwiza kandi Bworoshe bwo Kugabanya Ibiro,...Abantu batari bake barahangayikishijwe n'ikibazo co kuvyibuha cane, a...
07/11/2025

Uburyo Bwiza kandi Bworoshe bwo Kugabanya Ibiro,...

Abantu batari bake barahangayikishijwe n'ikibazo co kuvyibuha cane, abenshi barondera imiti yo kugura hamwe bikanka ahandi naho niyo bikunze ugasanga ntibishimishije cane, mbere nivyo bike babonye hari aho usanga baba bakoresheje imiti ifise ingaruka itari nziza ku bu*ima bwabo cane cane irya miti ucibwamwo uhejeje kuyifata kuko wibaza ngo wagabanutse naho kumbe n'amazi ariko aragabanuka mu mubiri maze wapima ukabona nyene ibiro biriko bigabanuka aho kuvamwo ibinure yamara hariko haravamwo amazi nayo ari nkenerwa cane mumubiri. Urumva ko uba uriko urica umubiri wawe.

Ehe rero inzira nziza yoroshe y'ukuntu wogabanya umuvyibuho utishimira.

Ufata gombo zine ukazikekagura ugaca u*ishira mu mazi meza angana n'igice c'iritiro ugaca upfundikira bikamaramwo amasaha abiri, ugaca ubimimina maze ugaca ukanyiramwo igipande c'indimu.Uwunywa buri musi mugatondo uvyutse.

Turekanye nuko uzogufasha kugabanuka usigare ufise umubiri wishimira, uwu muti uravura diabete( type2), uravura hypertension, ugabanya amavuta mabi mu mubiri( ikinure), wongereza ubwirinzi bw'umubiri maze bukakurinda kugwaragurika, utuma ugira akabiri koroshe kayagayaga, uvura ibibazo vyose vyo munda nko kubabara, kwuzura inda, uvura goute, ibinyanya mu maguru no mu maboko, kuvyimba amaguru n'intoke, tutibagiye kubabwirako ushira n'imisemburo ku murongo, gutuma haboneka graile cervicale ( ibimenyetso vy'agasamo), kwongereza amazi mu gihe c'amabanga y'abubatse maze bikongereza amahirwe yo gusama kuwushaka ikibondo. N'ibindi vyinshi twovuga kuri gombo.

Ushaka kumenya vyinshi birenze ibi kuri grombo ndetse n'iyindi miti myishi uzogure ka gatabu kacu twise *IMITI K**A , IVYO IVURA UKO ITEGURWA N'UKO IFATWA*, harimwo vyinshi cane kandi izi ntahe zose imiti bakoresha twarayishizemwo rero ntimuze mwama murindiriye ko mdabishura kuko ntavyo noshobora muba muri benshi cane. Ikindi kandi nuko mu mwaka uza nzoba nafatiriwe n'ibindi n'aka kanya ko kubishura kazogabanuka. Rero umuntu aciye ubwenge ariko aragura kano gatabo hakiri kare.

Mubandanye mugira ibihe vyiza rero,

Ihangiro ryacu ni
Kumenya kwivura no kwikingira ingwara zitandukanye dukoresheje ibimera.

Ntiwibagire gusangiza abandi inkuru nziza nkenizi, ariko kandi mubandanye mutwereka ko turi kumwe mukuduza urubuga rwacu rwa youtube aho twatanguye urugendo rwo kwigisha izi nyigisho zacu mu buryo bw'amavideo.

Link ya chaîne yacu ya youtube niyi:https://youtu.be/48pX7M85Er8?si=kLoCEK-9naBdA2b9

Address


Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Irondoka n' amagara Meza posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Practice

Send a message to Irondoka n' amagara Meza:

  • Want your practice to be the top-listed Clinic?

Share

Share on Facebook Share on Twitter Share on LinkedIn
Share on Pinterest Share on Reddit Share via Email
Share on WhatsApp Share on Instagram Share on Telegram