28/12/2025
Ivyo kwirinda nivyo wokora kugira ukire igihe ugwaye umushish*to( estomac),...
Kwivura umushish*to ntibisabwa gukoresha imiti gusa, uko tubayeho n'ivyo dufungura nivyo bidufasha gukira canke aho gukira bikunyuka, ntuze utangare rero ubonye ufata imiti ukabona umenga wakize ariko inyuma y'igihe gito ikongera ikagaruka.
Ivyo kwirinda
1. Amata: amata aboneka nk'umuti na cane cane ko abenshi iyo bagwaye estomac bayifashisha bayafata bakaronka ka mitende kubera ko agabanya acide mu kanya gato, ariko inyuma y'igihe gito ama proteine, amavuta n'ivyunyunyu vya calcium biba biri murayo mata bituma munda haca hakorwa iyindi acide nyinshi incuro zibiri kuyarihari mbere n'ububabare bugaca bugaruka kurusha ubwari buhasanzwe.
2. Imiti imwimwe yo mu mapharmacie irashobora gutuma ikibazo ciyongera na cane cane iyo ukunda kuyifata ari myinshi ndetse ukayifata utarafungura,
3. Ibifungurwa n'ibinyobwa bikanye cane canke bishushe cane ,amazi akanye cane canke icayi gishushe cane bituma ibimenyetso vya estomac bikomeza kwiyongera. Ibifungurwa canke ibinyobwa bishushe cane navyo biraturira munda maze bikabangamira umushish*to mu gihe ubukonje bwinshi nabwo buhatera kubabara.
4. Gufungura mw'ijoro cane. Hari abantu benshi usanga babara cane munda mw'ijoro canke bakagira ikirungurira , intango ya vyose ni gufungura guhera n'inyuma ya sa tatu z'ijoro imbere y'uko uja kuryama, ibi navyo bituma hakorwa acide mw'ijoro maze bigatuma wumva ubabara canke ufise ikirungurira mw'ijoro mu gicugu.
5. Ibifungurwa birimwo amavuta menshi kuko bigora umushish*to kubisya maze bigatera umubiri gukora acide nyinshi irenze urugero maze ikabandanya ica mudusebe tuba turi muri estomac maze bigatera kuribwa.
6. Ibifungurwa birimwo agapiripiri n'ibirungo vyinshi. Ibifungurwa birmwo ibirungo vyinshi canke agapiripiri kenshi iyo bikoze mu dusebe turi muri estomac bituma umuriro wakamaze bigatera ububabare bukabije.
7. Ivyamwa birimwo acide nyinshi Ivyamwa nk'indimu, imicungwe naho ivyo vyamwa ari vyiza ku magara y'umuntu na cane cane ko vyongereza ubwirinzi bw'umubiri, igihe ugwaye estomac si vyiza kuko vyongereza acide mu mubiri maze bigatuma estomac ikuvyuka.
8. Kunywa inzoga canke itabi,Vyose uko ari bibiri bigabanya ubwirinzi bw'umushish*to maze bikagabanya ubushobozi bwo kuyikira vyihuse,
9. Ibinyobwa birimwo isukari na gaz.Karya kagaz kavuga igihe upfunduruye gatuma igihe unyoye ico kinyobwa munda haguma huzuye maze bikakuviramwo kwumva munda hadatekanye maze udusebe munda tukabandanya twiyongera.
Ivyo rero ushobora gutegura nk'umuti igihe ushaka kwivura umushish*to (estomac),...
Ufata igice ca karya kayiko gatoya k'ifu y'ikinzari (1/2),
Ica kane ca karya kayiko gatoya k'ifu ya tangawizi(1/4),
Ugasya nintete zibiri za clou de girofle zikaba agafu,
Uca ushiramwo amazi angana n'igikombe kimwe kirya gito ugashusha nk'iminota 2 gusa, ugaca ubikurako ukamimina,
Uca ushiramwo akayiko gato k'ubuki ukavanga, hanyuma ukawunywa mu gatondo ata kintu na kimwe urafungura, ubikora imisi 20 canke ukwezi.
Uyu muti uvura ibibazo bitandukanye vy'ihumekero nja hasima n'ibindi ndetse n'ibijanye n'igogora.
Imana ikomeze kubana namwe
Ihangiro ryacu ni,
Kumenya kwivura no kwikingira ingwara zitandukanye dukoresheje ibimera
Ntimwibagire subscribes na partage kuri chaîne yacu ya youtube aho hari n'izindi nyigisho nyinshi nk'izi zigufasha ku ngwara zitandukanye muciye kuriyi link:
https://youtu.be/48pX7M85Er8?si=kLoCEK-9naBdA2b9