08/05/2026
Yaba Umugabo canke Umugore Ikibazo Kijanye n'intanga zica zisohoka gishobora guturuka kuri bose,...
Munkundire ndabice ku mayange kuko tuvuze tubisigure mu buryo bwimbitse vyofata akanya.
Gusa ico kibazo kirahari kuko abenshi muri mwebwe barasamye bari bagifise inyuma yo kubarangira umuti, kandi murabishingira intahe ko yabafashije.
Ico kibazo rero kirashobora kuva ku mugabo nk'igihe intanga ziwe zifise ikibazo , aho urumva ku mugabo bisaba yiteho ibifungurwa bikomeza intanga no kugwiza intanga muri rusangi, birashobora no guterwa no kubindi, ariko ic'ingenzi ni kuraba ivyo yokwitwararika gufungura.
Nk'akarorero guteka amababi y'ipera , icayi ca tangawizi, ivyema, amagi, n'ibindi vyinshi bitandukanye twagiye turavuga. Ibi bifungurwa n'umugore arashobora kubifata kugirango amagi yiwe abashe gukomera.
Tukiri aha ku mugabo mumenye neza ko ikibazo c'intanga si c'umunsi umwe, bisaba utangure kwitwararika ivyo ufungura no gufata imiti itandukanye vyibuze amezi atatu canke atandatu niho impunduka ku ntanga ziba zatanguye kwibonekeza.
Ku bagore naho tuvuze ngo dusigure cane mu buryo bwimbitse vyonsaba akanya. Ariko icingenzi nuko igihe mubonako intanga zica zisohoka muhejeje kurangura amabanga y'abubatse maze bikaba vyaratevye ko muronka uruvyaro bisaba mwese mufate imiti.
MN: Ntibisigurako iyo intanga zica zisohoka ko umugore adashobora gusama arasama, ariko hari naho zica zisohoka bikanka ko asama niho uca ubona gukoresha umuti.
Umugore rero imiti ashobora gufata igihe intanga zica zisohoka maze bikaba vyaranse ko asama n'uguteka amababi nka 10 y'umuravumba akayateka mw'iritiro y'amazi akaza aranywa agakombe incuro zibiri ku musi mu kiringo c'imisi indwi.
Umugabo nawe kandi arashobora gufata irobo ya tangawizi akayitonora agaca ayisekura ikanoga neza abaye afise ak**ashine gasya neza akagakoresha. Uca ufata n'irobo ya tungurusumu nyene akayisya nayo ikanoga neza maze vyose hamwe agaca abishira mw'iritiro canke ikiro c'ubuki maze akabivanga neza maze akaza aranywa utuyiko tubiri tw'urwo ruvange mu gatondo be no ku kugoroba, uko abandanya abikora niko inyuma y'igihe aza gusanga ameze neza, uwu muti wowo uranafasha no mubijanye no kwubaka urugo kubo bitagenda neza.
Izi nyigsiho turazitanga ku mpande zose kugirango amahirwe yo kuronka ibibondo abe menshi kubakirindiriye. Ariko kandi bisaba muze murafata umuti mudacika intege, kandi igihe kirekire kuko umubiri wiyubaka gahorogahoro ugafata igihe kugira umuntu amere neza.
Ikindi kandi tutokwiyibagiza uruvyaro rutangwa n'Imana ubu*ima nabwo bukabandanya.
Izi nyigisho zose n'izindi nkenizi twasishize mu dutabu, ubishoboye vyose birimwo mu buryo bwimbitse.
Ubaye ufise ico wipfuza kubaza wotwandikira inbox mu gufyonda aha wa.me/25765622246.
Mubandanye mukurikirana n'izindi nyigisho zacu kuri youtube muciye kuri link tubasigira muri commentaire yambere.